Igihugu ca Amerika kiremeza ko misile y'igisirikare ca Irani yakoroye drone yaco

Umurwi karuhariwe w'igisirikare ca Irani, Iran's Islamic Revolution Guards Corps (IRGC), umenyesha ko wakoroye indege ya drone ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari yinjiye mu kirere c'ico gihugu.

Ivyo vyareyeye mu karere ka Kuhmobarak mu ntara ya Hormozgan iri mu bumanuko bw'ico gihugu.

Ibimenyeshamakuru vya leta bimenyesha ko umukuru w'uwo murwi, Jenerali-Majoro Hossein Salami, avuga ko ivyabaye ari "ubutumwa butomoye kuri Amerika".

Ivyo bishitse iminsi mike inyuma y'aho ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi bwa Amerika (Pentagon) bumenyeshereje ko bugiye kurungika abandi basirikare 1000 muri ako karere inyuma y'imishamiraho hagati y'ivyo bihugu.

Ikinyamakuru cegukira leta ya Irani kimenyesha ko igisirikare c'ico gihugu carashe iyo drone mu gatondo ko kuri uyu wa kane mu gihe yari yavogereye ikirere caco.

Ejo ku munsi wa gatatu, umunyamabanga w'Inama nkuru ya Irani ijejwe umutekano yari yamenyesheje ko ico gihugu kidashobora kwihanganira ivogerwa ry'ikirere caco.

Ikinyamakuru Tasnim gicuditse n'ubutegetsi casubiyemwo amajambo yashikirijwe na Ali Shamkhani ati: "Ikirere cacu ni umurongo ntarengwa. Irani yamye yivuna kandi izokwama yivuna igihugu ico ari co cose kizovogera ikirere cacu".

Irani imenyesha ko iyo drone yari iyo mu bwoko bwa RQ-4 Global Hawk, ariko umutegetsi wo mu gisirikare ca Amerika yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko ari iyo mu bwoko bwa MQ-4C Triton ikoreshwa n'igisirikare kirwanira mu mazi.

Amerika yagiriza Irani ko yateye ubwato bwari butwaye igitoro hakoreshejwe vya bisasu vya mine mu kigobe ca Oman.

Iyo mishamirano yagiye kwiyongera ku munsi wa mbere aho Irani imenyeshereje ko mu ndwi iza izokwongereza urugero rw'ubutare bwitwa Uranium bukorwamwo ibirwanisho vy'ubumara, kurenza urugero yari yasezeraniye amahanga mu masezerano yo mu mwaka wa 2015.

Irani yarongereje urugero rw'ubwo butare mu kwihora ibihano vy'ubutunzi cafatiwe na Amerika inyuma y'aho yivumburiye muri ayo masezerano mu mwaka uheze.

Akarere ka Kuhmobarak Irani ivuga ko yakororeyemwo iyo drone kuri uyu wa kane kari hafi y'akarere ka Strait of Hormuz - inzira ikomeye icamwo igitoro kija mu bice bitandukanye vy'isi.