Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
OMS mu nama yihutirwa kuri Ebola mu gihe hagaragaye abafashwe n'iyo ndwara muri Uganda
Ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi OMS ryahamagaje inama yihutirwa nyuma y'aho bimenyekaniye ko ikiza ca Ebola cashitse muri Uganda kivuye mu buseruko bwa Kongo.
Iyo nama izokoranira i Geneve ku munsi wa gatanu izofata icemezo co kumenya nimba ico kiza giteje ikibazo coshirwa ku rwego rw'amakungu.
Umushikiranganji wa Uganda ajejwe amagara, Jane Ruth Aceng, yabariye BBC ko igihugu citeguye neza guhangana na Ebola.
Yavuze ko kwitegura vyatanguye igihe abantu ba mbere bafatwa n'iyo ndwara muri Republika ya Demokrasi ya Kongo haciye amezi cumi.
Kare, umwana w'umuhungu w'imyaka itanu yinjiye muri Uganda avuye mu buseruko bwa Kongo yahitanywe n'iyo ndwara.
Babiri mu bavandimwe biwe nabo vyamenyekanye ko bafashwe na Ebola.
Abantu bashika ku bihumbi bibiri nibo bamaze kwandura iyo ndwara muri Kongo, bibiri vya gatatu muri bo bakaba barahitanywe nayo.