Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore wo muri Ethiopia yakoze ikibazo haciye iminota 30 yibarutse
Umukenyezi wo muri Ethiopia afise myaka 21 yabwiye BBC ko yakoze ikibazo ciwe co kurangiza amashure yisumbuye inyuma y'iminota 30 yibarutse.
Umupfasoni Almaz Derese ava ahitwa Metu mu burengero bwa Ethiopia, yari yizigiye ko yari gukora ibibazo imbere y'uko yibaruka, ariko bikaba vyarungurujwe kubera amafungo ya Ramadani.
Yafashwe n'ibise ku munsi wa mbere, umwanya muto imbere y'uko ikibazo ca mbere gitangura.
Almaz yabwiye igisata ca BBC c'ururimi rwa Afaan Oromoo ati: "Kubera nariko nihutira gukora ikibazo, ntivyangoye cane ko nibaruka".
Ibibazo vy'indimi z'icongereza n'iki amharic, hamwe nico ibiharuro, yabikoreye mu bitaro Karl Metu, ariko akaba yizeye ko ibisigaye azobikorera mu kibanza cabigenewe mu minsi ibiri iri imbere.
Uyo muvyeyi mushasha avuga ko bitamugoye kwiga yibungenze, kandi ko atashaka guta umwaka ngo azoronke urupapuro rw'umutsindo mu mwaka uza.
Yavuze kandi ko ibibazo vyo ku munsi wa mbere vyagenze neza.
Umugabo wiwe, Tadese Tulu, yabwiye BBC ko vyabaye ngombwa ko yumvisha ishure y'uko ryomwemerera gukora ibibazo vyiwe ari mu bitaro.
Umupfasoni Almaz ubu yipfuza gukurikira ivyigwa vy'imyaka ibiri kugira ngo yitegurire kwiga amashure ya kaminuza.
Eka n'umwana wiwe w'umuhungu bivugwa ko ameze neza.