Uganda irarondera umupasitori aregwa guhendesha abakirisu umuti atari wo

Robert Baldwin aturuka muri leta ya New Jersey muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bivugwa ko atanga uwo muti yita ko ukora ibitangaza 'Miracle Mineral Solution', awucishije ku mashengero ya Pentecote yo mu burengero bwa Uganda.

Igipolisi ca Uganda gitegekanya gukoresha amaradiyo mu ntumbero yo guhimiriza abashikiwe n'iryo bara ry'imiti irimwo ubumara kugira babishire hejuru.

Ikinyamakuru gisohorerwa mu Bwongereza, The Guardian, kimenyesha ko abakristu baharugwa mu bihumbi b'abaganda bafashe iyo miti irimwo ubumara bita acide mu kwemera bahumirije, bibaza ko bazokira indwara nka malariya, kanseri na SIDA.

Ubuserukizi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Uganda bwababajwe no kubona iyo miti irimwo aside ikoresha ivyo itagenewe.

Igipolisi catanguye guhiga Pastori Robert Baldwin azwi ko ari inyuma y'iryo bara.

Ariko ubuserukizi bwa Amerika bwamenyesheje ko butemeza ko akiri muri ico gihugu kandi butazi neza ko abategetsi ba Uganda bazomushikira kugira bamubaze.

Sam Little w'imyaka mirongo ibiri n'itanu avugwa muri iyo nkuru y'ikinyamakuru The Guardian ko ateza imbere ikoreshwa ry'iyo miti irimwo ubumara bwa aside, ntiyagizweko amatohoza kubera ko ata makuru azwi kuri we.

Amasengero ya pentekote adandaza iyo miti yitwa ko ikora ibitangaza arakundwa cane muri Uganda ariko ni gake bayakorako amatohoza.