Imibiri y’inzoya “z’amahasa” yatowe mu ruzi muri Kenya mu bikorwa vy’ugusukura inzuzi

Ibiziga vy'izo mpinja vyaciye bihambwa hafi y'aho vyatowe

Ahavuye isanamu, GPS

Insiguro y'isanamu, Ibiziga vy'izo mpinja vyaciye bihambwa hafi y'aho vyatowe

Abategetsi b'igihugu ca Kenya bamenyesha ko batoye imibiri y'inzoya zibiri, bibaza ko ari amahasa, mu gihe bari mu bikorwa vy'ugusukura inzuzi ku mugwa mukuru, Nairobi.

Rigize umunani hatorwa ibintu nk'ivyo muri ano mezi aheze.

Abategetsi bibaza ko iyo mibiri itabwa mu nzuzi z'ico gisagara bivuye ku ngeso yo gukorora imbanyi, ingendo itemewe nka hose mu gihugu ca Kenya.

Buramatari w'intara ya Nairobi, Mike Sonko, asaba ko hoba amatohoza kuco yise "ibintu biteye ubwoba".

Iyo mibiri yabonetse mu gihe abakozi batari bake bariko basukura uruzi Nairobi ruboneka ko rucafuye cane, rushika mu karere ka Korogocho, imwe mu makaritiye manini ari ku mugwa mukuru.

Basanze imibiri y'izo mpinja itekeye mw'isashe, umwe muri izo mpinja akaba yari agihema ariko ntiyashoboye kurokoka.

Umuvugizi wa buramatari, Elkana Jacob, yabwiye ikiganiro Focus on Africa ca BBC ko ibiziga vy'izo mpinja vyaciye bihambwa hafi y'aho vyatowe, inyuma y'aho igipolisi kimenyeshereje ko abavyeyi bazo batashoboye kumenyekana.

Buramatari Sonko yibaza ko ibitaro n'amavuriro ari vyo bita iyo mibiri mu nzuzi iyo bihejeje gukuramwo imbanyi.

Yahaye abakozi biwe ikiringo c'indwi zibiri kugira ngo babe bakoze amatohoza kuri ivyo bintu.

Hampande y'izo mpinja, ibiziga umunani vy'inzoya n'ibindi bine vy'abakuze vyaratowe muri ico gikorwa co gusukura inzuzi zo mu gisagara.