Abapolisi b'intwazangabo batanu bagirijwe urupfu rw'umwana muri Kenya

Abajejwe umutekano muri Kenya barahanganye n'abanyagihugu mu myiyerekano ishingiye ku matora mu 2017
Insiguro y'isanamu, Abajejwe umutekano muri Kenya barahanganye n'abanyagihugu mu myiyerekano ishingiye ku matora mu 2017

Umucamanza ajewe amatohoza yagirije abapolisi batanu b'intwazangabo urupfu rw'uruyoya rw'amezi atandatu rwakubiswe mu mutwe igihe c'imyiyerekano ishingiye ku matora atumvikanyweko mu 2017.

Abanyagihugu bafashwe n'agashavu barihaye amabarabara i Kisumu mu burengero bw'igihugu, haheze umwanya muto Perezida Uhuru Kenyatta atangajwe ko ariwe yatsinze amatora.

Uruhinja Samantha Pendo rwakubiswe ku mutwe n'igipolisi kijejwe guhangana n'imigumuko ku muhana w'abavyeyi.

Uwo mwana yahavuye yitabira Imana mu bitaro inyuma y'iminsi itatu.

Mu rundi rubanza rutandukanye n'urwo, Sentare Nkuru ya Kenya yakatiye igihano c'urupfu umupolisi w'ipete ryo hejuru yishe umuntu apfunzwe mu kumukubita mu myaka itandatu irangiye.

Kino gihano gitanzwe ni nk'imbonekarimwe mu gihe amashirahamwe agwanira amateka amaze gushira ahabona impfu z'abantu amajana bishwe baborejwe igufa n'abajejwe umutekano ba Kenya.

Uwo mupolisi Nahashon Mutua, niwe yarajejwe ibiro vy'igipolisi biri ku mugwa mukuru Nairobi, igihe uwamuguye mu ntoke, Martin Koome, yazanwa gupfungishwa ku birego vyo mu nzu.

Mu ntango uwo mupolisi yagerageje kwegeka ubwo bwicanyi ku wundi mupfungwa.