Igipolisi ca Kenya cegetsweko urupfu rw'Umwongereza Monson

Alexander Monson yishwe n'inguma zo mu mutwe

Ahavuye isanamu, FAMILY

Insiguro y'isanamu, Alexander Monson yishwe n'inguma zo mu mutwe

Sentare yo mu gihugu ca Kenya yasohoye ingingo kw'igipolisi gifise uruhara mu rupfu rwa Alexander Monson, umuhungu w'umwongereza akomeye, Lord Monson.

Alexander Monson yapfiriye ahitwa Diani mu karere ko ku nkengera ya Mombasa mu 2012.

Umucamanza yakurikiranye itohoza, yatanze amazina y'abapolisi bane bikekwa muri urwo rupfu.

Umuryango wa Monson wari umaze imyaka itatu urindiriye mu mubabaro mwinshi.

Ingingo yasohowe uno munsi yashimishije umuryango wa Monson, ikaba yatumye wuzugwa n'akamwemwe.

"Intahe yafashwe ni nziza cane, birangiye neza. Ni ubutungane ku muhungu wanje, biraryoshe kuba ahowe."

Uwo musore w'imyaka 28 Alexander Monson, yafashwe mu 2012 yagirizwa gutumura akamogi.

Yaciye apfungigwa ku biro vy'igipolisi vya Diani.

Yitavye Imana haheze amasaha ariko aravugwa mu bitaro - yari agipfungiwe mu biro vy'igipolisi ca Kenya.

Umuryango wiwe wagumye wemeza ko umuhungu wabo yakubiswe gushika aho apfa, igipolisi co kikavuga ko yishwe n'urumogi rwinshi yari yafashe.

Umucamanza uno munsi yasohoye ingingo avuga ko urwo rupfu rutari urusanzwe, kandi ko rutaturutse kw'ikoresha ry'ibiyovyabwenge.

Icegeranyo c'umuhinga asuzuma ibiziga kivuga ko ikintu gisongoye yakubiswe mu mutwe ko ari co camwishe.

Lord Monson yarabuze uwundi muhungu wiwe w'imyka 21, Rupert Green mu 2017, apfuye yiyahuye.

Yiyishe kubera ko yari yaratwawe n'urumogi, bituma uwo mugabo yubashwe mu Bwongereza atanguza ingwano ku biyovyabwenge.