Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imbwa yarokoye uruyoya rwari rwahambwe rukanura mu gihugu ca Thailand
Mu buraruko bw'igihugu ca Thailand, imbwa yarokoye uruyoya rwari rwahambwe rukanura, ruhambwa na nyina warwo avugwa ko yari akiri umuyabaga.
Urwo ruhinja rw'umuhungu ruvugwa ko rwari rwatawe na nyina warwo w'imyaka 15 y'amavuko, mu ntumbero y'uguhisha abavyeyi biwe imbanyi yari afise.
Iyo mbwa, Ping Pong, yagumye ikuga mu gihe yariko yimba mu murima uri ku mutumba w'ahitwa Ban Nong Kham. Nyeneyo avuga ko mu nyuma yagiye abona akaguru k'urwo ruyoya kari mu kuzimu.
Ababa kuri uwo mutumba baciye banyarukana urwo ruyoya kw'ivuriro, abaganga bakaba bamenyesheje ko rwari rufise amagara meza.
Usa Nisaikha, nyene iyo ntozo Ping Pong, avuga ko imbwa yiwe isanzwe yaravunitse ukuguru inyuma y'aho igongewe n'imodokari.
Yabwiye ikinyamakuru Khaosod c'aho muri Thailand ko yashimye kuyigumana kubera ukudahemuka be n'ubugamburutsi bwayo, kandi ko yama imufasha mu gihe aragiye inka ziwe.
Avuga ati: "Abantu bose bo kuri uno mutumba barayikunda, ni ibintu bitangaje".
Nyina w'urwo ruyoya yagirizwa icaha c'uguta umwana n'ukugerageza kwica.
Panuwat Puttakam, intwazangabo y'igipolisi ku biro vy'igipolisi vyo mu karere ka Chum Phuang, yabwiye ikinyamakuru Bangkok Post ko ubu ari mu minwe y'abavyeyi n'umuhinga mu vy'inyifato (psychologue).
Amenyesha ko uyo mwigeme ababajwe n'ivyo yakoze.
Abavyeyi b'uyo mukobwa bafashe ingingo y'ukurera urwo ruhinja.