Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abandi bahungu bane bakuwe mw'isenga muri Thailand
Igikorwa kitoroshe muri Thailand co gutabara abana b'abakinyi b'umupira w'amaguru baheze mw'isenga kubera imyuzure, cahagaritswe ku munsi waco ugira kabiri, hatabarwa abandi bahungu 4.
Ico gikorwa kibera mw'isenga rya Tham Luang gihanzwe amaso n'isi yose, yagiye irakurikirana ivy'abo bana n'umumenyereza waho kuva bagiherayo.
Abahungu batabawe uno munsi bakuwe muri iryo senga bari ku nderuzo, baca bajanwa ku bitaro biri hafi mu muji wa Chiang Rai.
Uwurongoye iki gikorwa c'ubutabazi yavuzeko abahinga mu kwogwa bibiye, bazokurayo abantu batanu basigaye ejo ku wa kabiri.
Yavuze ko amagara y'abo bahungu bane n'umumenyereza waho acifashe neza.
Umugwi wa mbere, wakuweyo ejo kuwa Mungu, washizwe ahantu hiherereye kwa muganga.
Abo bana gushika ubu ntibaremererwa gusubira kubonana n'abavyeyi babo.