Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Thailand: Urukiko rwakuyeho ibirego ku munyamakuru wa BBC
Urukiko rwo mu gihugu cya Thailand rwakuyeho ibirego byo gusebanya byashinjwaga umunyamakuru wa BBC, Jonathan Head.
Iyo ibyo birego biza kumuhama, Jonathan Head yashoboraga guhabwa igifungo kigera ku myaka 5.
Kuri uyu wa gatatu, we n'uwo baregwaga hamwe bitabye urukiko i Phuket, ari nabwo urubanza rwatangiye. Bombi bahakanye ibyo baregwa.
Mu itangazo BBC yashyize ahagaragara, yagize iti: "Uwaregaga yakuyeho ibyo yaregaga umunyamakuru wa BBC, Jonathan Head".
BBC yongeyeho iti: "Ariko kubera urubanza rw'uwo baregwaga hamwe rwo rugikomeje, nta kindi kirenzeho dushobora gutangaza kuri ubu".