Abantu batandatu bishwe mu gitero cakozwe ku rusengero muri Burkina Faso

Abapolisi bari kw'irondo mu buraruko bwa Burkina Faso mu mwaka wa 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abapolisi bari kw'irondo mu buraruko bwa Burkina Faso mu mwaka wa 2018

Abategetsi b'igihugu ca Burkina Faso bamenyesha ko abantu bitwaje ibirwanisho bateye ejo ku wa Mungu ku rusengero ruri mu buraruko bw'ico gihugu, bica abantu bashika batandatu.

Bivugwa ko abo bantu bateye baje bari kumapikipiki indwi inyuma y'igisabisho, baca bica umupasitori, abana biwe b'abahungu babiri, hamwe n'abakirisu batatu.

Nico gitero ca mbere gikozwe ku rusengero kuva hadutse imigumuko y' umurwi ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu muri ico gihugu co muri Afrika y'Uburengero mu mwaka wa 2016.

Abarwanyi bafitaniye ubucuti n'umuhari al-Qaeda, umuhari wiyita Leta ya ki Isilamu, be n'umuhari wo muri ico gihugu witwa Ansarul Islam, baragisibije muri Burkina Faso.

Ico gitero ku rusengero rw'abaporotesanti cabereye mu gisagara gito citwa Silgadji hafi y'igisagara ca Djibo, umugwa mukuru w'intara ya Soum.

Igitigiri c'abo bantu bateye canke umurwi ubiyitirira ntibiramenyekana.

Burkina Faso

Umumenyeshamakuru wa BBC Simon Gongo, avuga ko imirwi igendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu yagirizwa gukora ibitero bitari bike kuva mu myaka iheze muri ico gihugu.

Uyo mumenyeshamakuru avuga kandi ko ku munsi wa gatanu w'indwi iheze, abigisha batanu bishwe mu buseruko bw'ico gihugu mu kindi gitero cagirizwa abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu.

Hagati aho, haciye ukwezi umupatiri w'umukatolika anyurujwe, kandi gushika ubu hakaba atawuzi irengero ryiwe.