'Abantu babiri bahitanywe n'ikibombe cari catezwe mu muvyimba' muri Burkina Faso

Umusirikare

Ahavuye isanamu, AFP

Abasirikare babiri muri Burkina Faso barahitanywe n'ikibombe cari catezwe ku muvyimba wambitswe impuzu za gisirikare ku musi wa kane mu gisagara ca Djibo hafi y'urubibe ico gihugu gihana na Mali.

Itororokanirizo ry'amakuru AFP, risoma itangazo ryasohowe n'igisirikare, ritangaza ko ico kibombe caturitse mu gihe abasirikare bariko barahindukiza uwo muvyimba cari catezwemwo.

Nkuko iryo tangazo ribandanya ribivuga, ico kibombe cahise gihitana babiri muri bo, abandi batandatu barakomereka, batatu muri bo bakaba barasinzikaye.

Umwe mu bakozi bo mu rwego rw'umutekano yabwiye AFP ko mu bahasize ubuzima harimwo n'umuganga wo mu gisirikare.

Burkina Faso ni kimwe mu bihugu vyo mu karere ka Sahel bisanzwe bihanganye n'umurwi w'intagondwa ugendera ku matwara akaze y'idini rya islamu.

Kiri mu murwi mpuzakarere wiswe G5 Sahel kumwe n'ibihugu vya Niger, Tchad, Mauritania na Mali, washinzwe kugira ngo barwanirize hamwe izo ntagondwa.

Nk'uko bitangazwa na AFP, abantu barenga 300 baramaze guhitanwa n'ibitero bikorwa n'izo ntagondwa mu gihugu ca Burkina Faso mu kiringo c'imyaka ine.

Mu kwezi guheze, umushikiranganji w'ico gihugu Paul Kaba Thieba, yaratanze imihoho na leta yiwe yose.

Yagirizwa ko ataco ariko arakora ngo ahagarike ibitero n'inyuruzwa vyakorwa n'izo ntagondwa.