Leta ya Burkina Faso hamwe n'uwuyirongoye batanze imihoho

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiranganji wa mbere wa Burkina Faso, Paul Kaba Thieba yatanze imihoho, ajana na leta yiwe yose.
Nta mvo zatanzwe, ivyo bikaba vyashikirijwe ku mboneshakure y'igihugu mw'itangazo ry'umukuru w'igihugu.
Bwana Thieba, yigiye ivy'ubutunzi, yari muri ayo mabanga kuva mu kwezi kwa mbere mu 2016, igihe yagenwa na Perezida Roch Marc Christian Kabore.
Leta yiwe yari imaze igihe iremerezwa n'abamaze igihe banyuruza abantu, hamwe n'ibitero vy'intagondwa z'aba Isilamu.
Inyuruzwa ry'abanyamahanga bazwi cane, ryatumye abantu basaba ko Bwana Thieba atanga imihoho hamwe n'abashikiranganji, uwo kwivuna abansi hamwe n'uwujejwe umutekano.
Mw'itangazo Perezida Kabore yashimye ingene baranguye amabanga yabo, avuga ko agiye kurondera iyindi leta vuba.
Umugore w'imyaka 34 aturuka muri Canada, Edith Blais, hamwe n'umugabo aturuka mu Butaliyano, Luca Tacchetto w'imyaka 30, ntawuzi irengero ryabo kuva hagati y'ukwezi kwa 12.
Abo bantu babiri bari bagiye mu kazi mu gihugu ca Togo bajanye n'umugwi w'abagiraneza, igihe babugwa irengero.
Umushikiranganji wa Canada w'imigenderanire n'amakungu, Chrystia Freeland yari yabonanye ku wa Gatanu n'uwo mugore w'imyaka 34, umunsi umwe inyuma yaho bivugiwe ko uwundi muntu aturuka muri Canada yatowe yapfuye.
Kirk Woodman, umuhinga mu vy'ubutaka, yanyurujwe n'abantu bitwaje ibigwanisho ku munsi wa Kabiri mw'ijoro, mu birombwe biri mu buraruko bw'igihugu.

Ahavuye isanamu, FACEBOOK/LINKEDIN
Nta muntu canke umugwi wemanze ubwo bwicanyi, ariko hari imigwi icuditse na al-Qaeda bizwi ko ikorera muri ako karere.
Burkina Faso, igihugu kidafise umuhora ku kiyaga co muri Afrika yo mu karere ka Saheli, kigwiriyemwo imigwi y'intagondwa z'aba Isilamu imaze igihe ikigabamwo ibitero.
Muri kahise haragabwe ibitero vyahitanye abantu ku nyubakwa y'akavuna musase no ku buserukizi bw'igihugu c'Ubufaransa ku mugwa mukuru Ouagadougou.
Intara nyinshi zo mu buraruko zashinzwemwo amategeko nkayo mu ngwano kuva itariki 31 Ukwezi kwa 12.










