Igisirikare ca Burkina Faso cavuze ko 'cishe abagwanyi 146'

Abasirikare ba Burkina Faso bakunze kurerekana n'abagwanyi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba Burkina Faso bakunze kurerekana n'abagwanyi

Inteko z'umutekano za Burkina Faso zavuze ko zishe igitigiri kinini c'abagwanyi mu kwihora igitero caguyemwo abasivile 14 mu buraruko bw'igihugu.

Igisirikare kivuga ko abagabo bafise ibigwanisho bateye ikigwati ca Kain mu ntara ya Yatenga ku munsi wa Mungu mw'ijoro.

Mw'itangazo ryasohowe n'igisirikare, abasoda ba Burkina Faso bakoze ibitero bikomeye mu ntara zitatu zo mu buraruko bw'igihugu bica abagwanyi 146.

Leta ya Burkina Faso ifise abasirikare ku rubibe rutazitiye rwa Burkina Faso na Mali, aho abagwanyi ba Leta yiyita iya kislam bafise ibirindiro.

Abo bagwanyi bakunze kwinjira mu gihugu bakagaba ibitero ku basirikare b'igihugu no ku basivile.