Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugabo wo muri Kenya yubatse ibarabara wenyene kugira afashe abanyagihugu
Umugabo wo mu gihugu ca Kenya yashimiwe inyuma y'uko yitanze agaca ibarabara kugira ngo apfunyirize urugendo abanyagihugu baja kw'isoko.
Nicholas Muchami w'imyaka 45 y'amavuko akaba ari umwirimizi, yafashe iyo ngingo y'ukwubaka iryo barabara inyuma y'aho iryo bahora bacamwo ryugariwe na nyene itongo ryacamwo, yagiriza abanyagihugu ko bonona itongo ryiwe.
Abanyagihugu bo ku mutumba wa Kaganda mu karere ka Muranga vyabaye ngombwa ko baca bafata inzira ndende aho bazunguruka ibirometero bine vyose kugira ngo bashobore gushika kw'isoko.
Ni mugihe irindi ryari rihasanzwe ripima ibirometero ritarengana kubera ryari ku musozi kandi rikazibirwa n'ishamba.
Bwana Muchami yamaze iminsi itandatu aca iryo barabara n'amaboko.
Ubu amaze kugera ku kilometero n'igice akaba ategura guheraheza igice gisigaye ni yamara kuronka amahera ashobora kwifashisha.
Bwana Muchami yabwiye ikinyamakuru Daily Nation co muri Kenya ati: "Narasavye abaturongoye ku mutumba ko bokoresha iryo barabara ariko biba ivy'ubusa. Niho naca mfata ingingo y'ukuryubaka n'ibikoresho nkoresha mu kurima ku mpuhwe nagiriye abakenyezi n'abana kugira ngo ntibatakaze umwanya".
Abanyakenya bakoresha imbuga ngurukanabumenyi baramushimira kuri ako kigoro.
Abicishije ku rubuga rwa Twitter, Godfrey Mugambi yanditse ati: "Abandi banyagihugu baba kuri uwo mutumba bari bakwiye gufasha Bwana Muchemi bagaheraheza iryo barabara".
N'aho iryo barabara ritarahera, riramaze gutangura gukoreshwa n'abanyeshure biga ku mashure mato mato n'ayisumbuye yo mu micungararo.