Sentare nkuru y’i Paris yashikirije ingingo ku rubanza Perezida Nkurunziza aregamwo Televiziyo France 3 n'abandi

Sentare nkuru y'i Paris yashikirije ingingo ku rubanza Pierre Nkurunziza, Perezida w'Uburundi yitwariye Tereviziyo y'Abafaransa France 3, umushingwamanza Bernard Maingain n'umwanditsi David Gakunzi, icaha co kumutyoza.

Sentare yashikirije ko ata caha co gutyoza gifata abitwariwe, mu bice vyose vyari vyerekanywe n'uruhande rwatanze ikirego, bifatiye ku nkuru yacishijwe kuri iyo Tereviziyo France 3 mu ntango z'umwaka wa 2016.

Ariko yimye agaciro ivyo uruhande rwiregura rwari rwasavye, birimwo ko ico kirego kitokwakirwa.

Urubanza rwasomwe mu mwanya muto cane, sentare imaze guhamagaza impande zose.

Sentare yabanje kurengutsa abaregwa, maze hitaba umunyamakuru Luc Lagun Bouchet wa TV France 3 we nyene, nayo abandi babiri basobanurwa n'umwe mu bashingwamanza bababuranira, Maitre Leon Foster, kuko bafatiriwe.

Sentare yavuze ko ata caha yasanze gihama abaregwa bose uko ari batatu.

Sentare yemeje ko ata kigaragaza inforo iboneka yo gutyoza uwitwaye, haba mu majambo yakoreshejwe n'umunyamakuru, amasanamu yakoreshejwe canke amajambo y'umutumire wiwe.

Ku bwayo, ntaho bigaragara ko nyene kwitwara yavuzwe imbonanya ku gatwe kiwe kandi mu ntumbero yo kumutyoza.

Sentare isanga kandi iyo nkuru yatunganijwe n'umunyamakuru Luc Lagun Bouchet igaragara ko yakozwe ku nyungu za benshi muri rusangi.

Isanga kandi gusubiramwo amajambo yavuzwe muri iyo nkuru, ku mabi yariko arakorwa mu Burundi, asanzwe ari mu vyegeranyo vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, n'ivyo Ubumwe bwa Afrika, gutyo rero ntivyerekane ko hari ukurenga umurongo mu gushikiriza ivyiyumviro mu bwisanzure.

Ibiri muri ivyo vyegeranyo vyasubiwemwo n'umwanditsi David Gakunzi nivyo ababuranira Perezida Nkuruziza bashingiyeko mu kumurega ubufatanyacaha, mu kwanduza ishusho yiwe.

Uyu mushingwamanza yari yasavye ko iki kirego kitokwakirwa kuko kibangamira uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Yavuga kandi ko sentare itoha agaciro ibirego vya Perezida Petero Nkurunziza, hatabanje kwihwezwa ibirego abiregura bavuze ko biriko biregeranywa n'imiryango igera ku 700 yahuye n'ayo mabi bavuga, kugirango izokwiture sentare mpanavyaha mpuzamakungu y' i La Haye.

Ariko sentare yashinze ko atari ngombwa kurindira ikizova muri ivyo birego kugirango ishikirize urubanza, kuko bishobora gutuma ruteba.

Ukwitwara kwa Perezida Nkurunziza ntikubangamira ubwigenge mu gushikiriza ivyiyumviro

Sentare yasanze ko kuba Perezida Nkurunziza yarafashe ingingo yo kwitura sentare bitabangamira ubwisanzure bwo gushikiriza ivyiyumviro, nk'uko abaregwa bari babishikirije, kandi ko abifitiye uburenganzira.

Urubanza rugisomwa, Maitre Arthur Vercken, umwe mu bashingwamanza baburanira Perezida Nkuruniza yavuze ko ataco ashobora gutangariza BBC kijanye no kumenya nimba Perezida Nkuruniza agiye kwunguruza kuri iyi ngingo, kuko avuga ko atari bwasome neza kopi y'urubanza.

Ku bakurikiranwa, umwe mu babunganira Maitre Lef Leon Foster yabwiye BBC ko ingingo ya sentare yabanezereje.

Yabandanije kandi ko bafise icizere ko uwubitwarira atazokwirirwa arunguruza naho afise ubwo burenganzira, kuko sentare yagaragaje ko ikirego yatanze kitabahama.

Uruhande rwitwaye rufise uburenganzira bwo kwunguruza mu kiringo c'iminsi 10 kuva ingingo ya sentare ishikirijwe.