Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imfungurwa zihitana ica gatanu c'abapfa buri mwaka
Icigwa cerekana ko imfungurwa twihereza zihitana ubuzima bw'abantu imiliyoni cumi n'imwe bapfa buri mwaka hatari bwagere.
Ico cigwa catangajwe mu kinyamakuru c'ubushakashatsi mu vy'amagara y'abantu 'The Lancet', cerekana ko imfungurwa twihereza buri munsi zica cane gusumba itabi, aho zihitana umwe kuri batatu bapfa kw'isi, buri mwaka.
Umunyu - waba uwuri mu mukate, waba uwuri mw'isupu y'isoja canke mu mfungurwa zahinguwe - ugabanya iminsi y'ukubaho ku bantu benshi cane.
Abashakashatsi bavuga ko ico cigwa kiterekeye urusina, ariko imfungurwa "zidakwije ivyangombwa" zikabangamira imitima zigatera n'indwara ya kanseri.
Icigwa 'Global Burden of Disease Study', nico cizewe cerekana ingene abantu bapfa muri buri gihugu kw'isi yose.
Ico cigwa gishasha cakoreye ku kungene abantu basanzwe bafungura mu kwerekana ingene imfungurwa zigabanya iminsi y'ukubaho.
Imfunguro mbi ni izi zikurikira :
- Izirimwo umunyu mwinshi - zihitana abantu imiliyoni zitatu
- Izigizwe n'intete nke cane - zihitana abantu imiliyoni zitatu
- Izigizwe n'ivyamwa bike cane - - zihitana abantu imiliyoni zitatu
Urugero rudakwiye rw'imfungurwa ziva mw'isi, nk'ibiyoba n'izindi ntete, imboga, ingaburo za 'Omega-3' dusanga muvyo turoba mu mazi, kiri mu bibangamira amagara.
Mwalimu Christopher Murray, arongoye ikigo kijejwe amagara y'abantu (Institute for Health Metrics and Evaluatin) co muri kaminuza ya Washington.
Yabwiye BBC ati: "Dusanga imfunguro ari kimwe mu bigize amagara kw'isi, kirakomeye cane".
None ibi bibangamiye amagara y'abantu gute?
Ku miliyoni 11 z'abantu bapfa bahitanywe n'indwara zivuye ku mfunguro, hafi imiliyoni 10 bahitanwa n'indwara y'umutima, ivyo bikenerana ingene umunyu ari ingorane.
Umunyu mwinshi utuma umutima utera cane, ivyo navyo bigashobora gutuma umuntu arwara indwara z'umutima canke indwara zo mu mitsi, zifatira mu bwonko (Accidents cardiovasculaires cérébraux).
Umunyu kandi utera ingaruka mbi ku mutima no mu nzira z'amaraso , ibishobora gutuma umutima uhagarara mu gihe umuntu asanzwe afise ingorane z'umutima.
Ni mu gihe intete, ivyamwa n'imboga bifise ingaruka nziza - zikingira umutima zikagabanya ingorane ziturutse ku ndwara z'umutima.
Indwara za kanseri be n'iz'igisukari (ubwoko bwa kabiri) nizo zindi zihitana ubuzima bw'abantu bivuye ku mfunguro.
Ico cigwa kirerekana kandi ko mu mfungurwa zikwije ivya nkenerwa ku mubiri wacu haburamwo ibiyoba n'izindi ntete.
Abashakashatsi kandi bavuga ko hageze ko amasekeza ajanye n'ivy'amagara y'abantu yigisha ibijanye n'imfungurwa ibereye hakubandanya bahimiriza ingaburo zindi nk'izigizwe n'isukari canke amavuta.
Impanuro
Mwalimu Murray avuga ko gufungura neza ari nkenerwa ata kuraba ibiro ufise.
Avuga ati : "Ikintu nyamukuru abantu bakwiye kwitwararika, ni uko bokwitaho gufungura ibiyoba, intete, ivyamwa n'imboga, bakagabanya umunyu mu gihe vyobashobokera ".
Ariko abenshi barabura uburyo.
Bizwi ko mu bihugu bikenye, kugira umuntu ashobore kwihereza ivyamwa bitanu n'imboga yotegerezwa gukoresha ibice 52 kw'ijana vy'umwimbu mu muryango.
Ariko umwigisha avuga ko abanyagihugu bashobora guhitamwo icobabera ciza mu gihe bigishijwe.