Abdelaziz Bouteflika yahoze arongoye Algeria arasaba ‘imbabazi’ abanyagihugu

Mw'ikete ryatangajwe n'itororokanirizo ry'amakuru rya Algeria, APS, Abdelaziz Bouteflika yahoze ari umukuru w'ico gihugu yasavye "imbabazi" abanyagihugu.

Bwana Bouteflika yarongoye ico gihugu mu myaka 20, avuga ko "yishimiye" intererano yiwe, ariko akabona ko "hari aho yananiwe mu vyo yategerezwa kurangura".

Yongeyeko ko avuye muri politike "atababaye kandi atabwoba" afitiye kazoza ka Algeria.

Muri iryo kete, uyo yahora ari umukuru w'igihugu ca Algeria ubu afise imyaka 82 y'amavuko, yamenyesheje ko "ashima icubahiro n'urukundo" vyaranze "abanyagihugu bagenzi biwe".

Yabandanije ati: "Kwihenda bishikira umuntu, ndasavye imbabazi aho hose nakosheje".

Inyuma y'aho atangiye imihoho, Bwana Bouteflika "yasavye" kandi abanyagihugu ba Algeria "kwama bafatanye mu nda, bakirinda amacakubiri".

Haraciye imyaka itandatu Bwana Bouteflika afashwe n'indwara y'imitsi ifatira mu bwonko, akaba yaboneka gake kuva ico gihe.

Ibintu ntivyamworoheye kuva mu kwezi kwa kabiri kw'uno mwaka, aho abanyagihugu ba Algeria bihereye amabarabara biyamiriza ingingo yiwe yari afashe yo gusubira kwitoreza ikindi kiringo kigira gatanu.

Bwana Bouteflika yarahinduye iyo ngingo, anahindura leta kugira ngo ahagarike ivyo yagirizwa vy'ukurya igiturire n'ugukoresha ka mwana wa mama, ariko yagiye gutanga imihoho muri ino ndwi mu gihe imyiyerekano yari yabandanije.

Ingingo y'ugutanga imihoho yayifashe ejo ku munsi wa gatatu inyuma y'imyiyerekano yari imaze indwi zitandatu.

Vyitezwe ko Abdelkader Bensalah asanzwe arongoye sena y'ico gihugu amusubirira vy'imfatakibanza mu kiringo c'amezi atatu gushika habe amatora.