Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Abdelaziz Bouteflika irabandanya Algeria
Ibihumbi vy'abantu basubiye guhurira i Algiers, umurwa mukuru wa Algeria, ku munsi wa gatanu ugira kane bikurikiranya, basaba ko haba amahinduka mu butegetsi biciye mu mutekano.
Baramaze gutuma Prezida Abdelaziz Bouteflika aheba kwitoza mu kiringo kigira gatanu, aca ahubwo ashirako inama y'igihugu izoshirako ibwirizwa shingiro rishasha.
Umushikiranganji wiwe mushasha, Noureddine Bedouin, yiyemeje gushinga leta igizwe n'abahinga mu bisata bitandukanye.
Ariko ivyo bisa n'ibitanyuze abari mu myiyerekano mu gihe bobo bashaka ko abarongozi bose ba politike bariho muri iki gihe bakinjura.
Imyiyerekano iriko irabera no mu yindi mihingo ya Algeria, mu ntara yo hagati muri ico gihugu abakozi bakora kw'ihinguriro ry'ibitoro bakaba bashize ibikoresho hasi baririmba bati "utegerezwa kugenda!".