Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Perezida Abdelaziz Bouteflika wa Algeria yahevye kwitoreza ikiringo ca gatanu
Umukuru w'igihugu ca Algeria, Abdelaziz Bouteflika, yunguruje isango ry'amatora yobaye ku wa 18 z'ukwa kane aca amenyesha ko atazokwitoza ngo arongore ico gihugu mu kiringo kigira gatanu.
Mw'itangazo yasohoye, Perezida Bouteflika yavuze ati: " Nta kiringo ca gatanu kizohaba. Nihweje amagara yanje n'imyaka mfise, igikorwa canje ca nyuma ku banyagihugu ba Algeria kwabaye ugutanga intererano kugira twubake Repubulika nshasha".
Nta rindi sango ry'amatora ryamenyeshejwe.
Iryo tangazo kandi ntiryamenyesheje nimba umukuru w'igihugu yoshobora gutanga imihoho imbere y'irindi sango ry'amatora.
Iryo tangazo risohotse umunsi umwe inyuma y'aho atahukiye avuye mu gihugu c'Ubuswisi aho yari amaze indwi zibiri ari kwivuza indwara y'imitsi ifatira mu bwonko yamufashe kuva mu mwaka wa 2013.
Ingingo ya Perezida Bouteflika yari yafashe yo gusubira kwitoza ngo arongore ico gihugu yatumye haba imyiyerekano igihugu cose mu ndwi zirangiye.
Mu ndwi iheze yari yamenyesheje ko mu gihe yari gutorwa, yociye atanga imihoho mu mwanya muto, ariko ivyo ntivyashoboye guhumuriza ibihumbi n'ibihumbi vy'abari mu myiyerekano.
Ibintu vyagiye kwunyuka kuri Bwana Bouteflika ejo ku wa mbere aho abacamanza barenga 1000 bamenyeshereje ko batari gucungera ayo matora mu gihe yotangazwa ko azokwitoza.
Mu nyuma umukuru w'igisirikare, Liyetena Jenerali Gaed Salah, yamenyesheje ko igisirikare n'abanyagihugu babona kumwe kazoza k'igihugu cabo - icerekana ko igisirikare cumva akababaro k'abari mu myiyerekano.
Eka n'abayobozi bakuru b'idini bari biyamirije ico bavuga ko ari iterabwoba bagirirwa mu ndahiro zabo zo gushigikira ubutegetsi.
Imam Djamel Ghoul, umukuru w'ishirahamwe ry'abayobozi bakuru b'idini ya kisilamu, yabwiye abamenyeshamakuru ati: " Tureke dukore ivyo tujejwe, ntimutwinjirire mu kazi kacu".
Ingingo ya Bwana Bouteflika izoboneka nk'intsinzi ku bamaze indwi zitari nke mw'ibarabara.
Ariko rero, n'aho bahumurijwe ko atazokwitoreza ikiringo ca gatanu, kubona ata rindi sango ry'amatora ryamenyeshejwe bitera umutima uhagaze.
Abatari bake baciye bashikiriza ivyiyumviro vyabo ku mbuga hwaniro, aho bibaza nimba uko kwongereza ikiringo ca Bwana Bouteflika ku gitegekanijwe n'ibwirizwashingiro kuzoba kuri mu mategeko.
Hari ababona ko iryo yunguruzwa ry'amatora rishobora gufasha mw'ihererekanwa ry'ubutegetsi mu mahoro - kakaba n'akaryo ku ba kandida bose kwiyamamaza bikwiye.
Hagati aho, umushikiranganji wa mbere Ahmed Ouyahia yatangaje ko atanze imihoho, aca asubirirwa n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Noureddine Bedoui, yahawe igikorwa co gushinga leta nshasha, nk'uko bimenyeshwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya leta APS.
Perezida Bouteflika yari atwaye Algeria imyaka 20, ariko kuva 2013 afashwe n'indwara yiwe, yasubiye guseruka mu mwaka wa 2014 mu gihe yashikiriza ijambo ahejeje gutsinda amatora y'umukuru w'igihugu.