Prezida Abdelaziz Bouteflika wa Algeria yatanze imihoho inyuma y’imyiyerekano

Ibimenyeshamakuru vya leta ya Algeria bimenyesha ko umukuru w'ico gihugu, Abdelaziz Bouteflika, yatanze imihoho inyuma y'imyiyerekano yari imaze indwi zitari nke.

Bwana Bouteflika amaze imyaka 20 ku butegetsi yari yamaze gutangaza ko atari kwitoreza ikindi kiringo kigira gatanu.

Igisirikare ca Algeria gisanzwe gifise ikibanza gikomeye mu buzima bw'ico gihugu, cari casavye ko umukuru w'igihugu yotangazwa ko atagishoboye gutwara.

Bwana Bouteflika asanzwe aboneka gake kuva mu mwaka wa 2013 aho afatiwe n'indwara y'imitsi ifatira mu bwonko.

Yashoboye kuboneka kuri televiziyo y'ico gihugu - ivyashika gake - atanga imihoho haciye amasaha makeya umukuru w'ingabo amusavye ko arekura ubutegetsi vuba bwango.

Inyuma y'iryo tangazo, amahona y'amamodoka niyo yumvikana ku mugwa mukuru Alger, mu gihe abantu amajana n'amajana bari bihaye amabarabara bafise n'amadarapo y'igihugu cabo berekana umunezero.

Umwe muri bo, Selmaoui Seddik, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Imana ibishatse, tuzokwinjira mu ntwaro rusangi ijana kw'ijana, iki kirahambaye. Dukeneye gukuraho ubutegetsi bwose bwahahora, nico kintu kigoye".

Imbere y'aho, umwe mu barongoye imyiyerekano, Mustapha Bouchachi, yari yamenyesheje ko ingingo iy'ari yo yose ya Bwana Bouteflika y'ugutanga imihoho, ataco yari guhindura kandi ko imyiyerekano yategerezwa kubandanya.

Amakuru y'uko Bwana Bouteflika yatanze imihoho yaciye mw'itangazo ryasomwe n'itororokanirizo ry'amakuru APS ry'igihugu ca Algeria.

Rivuga riti: "Umukuru w'igihugu, Abdelaziz Bouteflika, yandikiye umukuru w'umurwi ujejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro amumenyesha ko yafashe ingingo yo guhagarika ikiringo ciwe nk'umukuru w'igihugu".

Mu nyuma, televiziyo ya leta nayo iza kumenyesha ko iyo ngingo yaca ija mu ngiro ubwo nyene.

Ibwirizwashingiro ry'ico gihugu rivuga ko umukuru wa sena ariwe aca aba umukuru w'igihugu mfatakibanza gushika hatunganijwe amatora mashasha.

Iyo vyavuye

Kuva mu kwezi kwa kabiri kw'uno mwaka, abanyagihugu ba Algeria bihaye amabarabara biyamiriza ingingo Bwana Bouteflika yari afashe yo gusubira kwitoreza ikindi kiringo kigira gatanu.

Mu nyuma yaramenyesheje ko atari kumara ikiringo ciwe ca gatanu mu gihe yari gutorwa, yongera agena n'umushikiranganji wa mbere mushasha, ariko ivyo vyose ntivyahagaritse iyo myiyerekano.

Ejo ku munsi wa kabiri naho, Bwana Bouteflika yamenyesheje ko yari yiteguye gutanga imihoho imbere y'uko ikiringo ciwe gihera ku wa 28 z'uku kwezi kwa kane, ivyiyamirijwe n'abarongoye iyo myiyerekano bari bakeneye ko avaho bidatevye.

Eka n'igisirikare gisanzwe gifise ikibanza gikomeye mu buzima bwa Algeria gisa n'icari camukuyeko amaboko. Ejo ku munsi wa kabiri, Liyetena Jenerali Ahmed Gaed Salah akirongoye yavuze ati: "Nta mwanya w'uguta dufise".

Abenshi mu bari mu myiyerekano bagizwe n'urwaruka ruvuga ko rwipfuza intwaro nshasha.

Bwana Bouteflika yari arongoye Algeria kuva mu mwaka wa 1999.

Vyitezwe ko Abdelkader Bensalah asanzwe arongoye sena y'ico gihugu amusubirira vy'imfatakibanza mu kiringo c'amezi atatu gushika habe amatora.