Umukuru w'igisirikare ca Algeria yasavye ko umukuru w'igihugu Bouteflika akurwa

Uwukuriye igisirikare c'igihugu ca Algeria yasavye ko umukuru w'igihugu Abdelaziz Bouteflika akurwa mu mabanga y'umukuru w'igihugu.

General Ahmed Gaid Salah, asanzwe ari icegera c'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, yasavye ko hakurikizwa itegeko ryo mw'ibwirizwa shingiro rya Algeria.

Iryo tegeko ryemera ko hatangazwa yuko ikibanza c'umukuru w'igihugu atawukirimwo mu gihe uwuri ku butegetsi akitswe n'amagara.

Imyiyerekano yo kwiyamiriza uwo mukuru w'igihugu w'imyaka mirongo umunani n'ibiri yatanguye mu kwezi guheze amaze kumenyesha ko azokwitoza ikiringo kigira gatanu.

Imyiyerekano yarabandanije inyuma y'aho Bwana Buteflika ahinduriye akavuga ko azova ku butegetsi hamaze kugira ibihindurwa mw'ibwirizwa shingiro.