Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abakoresha Twitter mw'isekeza ry'ugushigikira abigeme b'abanyeshure bapfunzwe mu Burundi
Abakoresha urubuga rwa Twitter barigana abanyeshure b'abigeme batatu bapfunzwe bagirizwa gufutanganya amasanamu y'umukuru w'igihugu c'Uburundi Petero Nkurunziza mw'isekeza ry'ukubashigikira.
Amasanamu yahindaguwe nabi ya Prezida Nkurunziza ariko arakwiragizwa kuri #FreeOurGirls.
Mu ndwi iheze, abo bigeme baragirijwe icaha c'ugutyoza umukuru w'igihugu, gishobora gutuma bapfungwa imyaka itanu.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yagiriza abategetsi b'Uburundi ko bama bariko barahohotera abaharanira agateka ka zina muntu be n'abatavuga rumwe na leta - icagiriji leta y'Uburundi ihakana.
Indwi zibiri ziraheze abo bigeme b'abanyeshure bafise imyaka 15, 16 na 17 y'amavuko bahagaritswe, inyuma y'aho amasanamu y'umukuru w'igihugu afutanganirijwe mu bitabo vyabo.
Mu nyuma, abandi banyeshure bane bari bapfunganywe nabo bararekuwe.
Aya ni amwe mu masanamu ariko akwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi mu buryo bwo gushigikira abo bigeme:
Se w'umwe muri abo bigeme bapfunzwe yabwiye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch ryatanguje iryo sekeza ko abo bana batinya n'ugufungura.
Human Rights Watch risaba leta y'Uburundi gupfungura abo bigeme, ahubwo ikitaho gutuza ihohotera iryo shirahamwe rivuga ko rikorwa n'inzego z'umutekano.
Lewis Mudge arongoye iryo shirahamwe mu karere ka Afrika yo hagati avuga ati: " Abategetsi bari bakwiye gukurikirana abakora ivyaha bikomeye vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu aho gupfunga abana b'abanyeshure bafutanganije amasanamu".
Mu mwaka wa 2016, abana b'abanyeshure batari bake barapfunzwe abandi baharugwa mu majana barirukanwa bagirizwa gufutanganya amasanamu y'umukuru w'igihugu.