Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Juan Guaidó yasubiye muri Venezuela n'ubwo ashobora gufatwa
Uwigize umukuru w'igihugu mfatakibanza Juan Guaidó yashitse ku murwa mukuru Caracas, aho ashobora gufatwa.
Amasanamu ya television yemwerekanye ariko arakirwa ku kibuga mpuzamakungu c'indege ca Simón Bolivar n'abaserukira ibihugu vya Leta Zunze Ubumwe za America n'ishirahamwe rya Bulaya.
Asohotse ikibuga c'indege yaramukije isinzi ry'abamushigikiye basemerera bavuga ngo "Guaidó, Guaidó" na "Yes we can" (Ego Turashoboye).
Guaidó yarenze ku ngingo yo kumubuza gusohoka igihe yava mu gihugu mu kwezi guheze.
Yagendeye ibihugu bibanyi vya America y'Epfo mu kugerageza kwinjiza imfashanyo mpuzamakungu mu gihugu , yongere arondere ko abategetsi b'ivyo bihugu vy'akarere bamushigikira.
Yavuze ashitse ati "Turazi ibishobora kudushikira, turakomeye, turakomeza'.
Yasavye Prezida Nicolás Maduro gutanga imihoho , aca asaba abanye Venezuela kwitaba imyiyerekano yo kwiyamiriza reta itegekanijwe ku wa mbere no ku wa kabiri.
Ibihumbi vy'abamushigikiye bazungagiza amabendera bitavye akamo.
Juan Guaidó yitangaje ko ari we Perezida w'ico gihugu akemerwa n'ibihugu birenga 50 atera akamo Perezida Nicolas Maduro gutanga imihoho.
Perezida Maduro wewe amenyesha ko ariwe mukuru w'igihugu azwi n'amategeko, akaba ashigikiwe n'ibihugu vy'Ubushinwa, Uburusiya hamwe na Cuba.
Ntawuzi ingene Juan Guaidó azosubira mu gihugu ca Venezuela, kandi nta n'uwuzi ingingo Perezida Maduro azofata.
Sentare nkuru y'igihugu ca Venezuela yarafashe ingingo y'uguhagarika ingendo za Bwana Guaidó kuva aho yitangarije ko ari we mukuru w'igihugu.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, John Bolton, umuhanuzi wa Amerika mu vy'umutekano, amenyesha ko ingingo zikomeye zizofatwa mu gihe hogira ikintu ic'ari co cose coza kibangamira umutekano wa Bwana Guaidó.
Nayo Federica Mogherini, ajejwe imigenderanire mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya, avuga ko mu gihe hogira ico Bwana Guaidó aba, ibintu vyoca biyangara kandi ko amakungu yovyiyamiriza.
Mu gihe ajabukiye imbibe z'igihugu akaja muri Colombia mu kwezi guheze, Bwana Guaidó yaratembereye mu bihugu bitari bike vyo muri Amerika y'ikilatini.
Ari muri Colombia, yarashoboye kubonana na Mike Pence, icegera c'umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe n'umukuru w'igihugu mushasha wa Brezili aherutse gutorwa.
Muri urwo rugendo rwiwe, Bwana Guaidó yarashoboye kandi kubonana na bamwe mu mamiliyoni y'Abanyavenezuela bahunze ico gihugu.
Juan Guaidó umunyepolitike atavuga rumwe na leta akaba arongoye inama nshingamateka, yaritangaje mu kwezi kwa mbere uno mwaka ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza kugira yomore Bwana Maduro arongoye Venezuela imaze igihe mu myiyerekano.
Perezida Maduro yarugaye imbibe z'igihugu mu ntumbero yo kubuza kwinjiza imfashanyo zari zasabwe n'uwo munyepolitike batavuga rumwe.
Hampande y'ibihugu vy'Ubushinwa, Uburusiya hamwe na Cuba, Nicolas Maduro arashigikiwe n'igisirikare c'ico gihugu ca Venezuela n'aho hari amakuru avuga ko hari abatari bake baguma bamwiyonkorako.