Ivuriro ry'indwara ya Ebola ryugawe muri Congo inyuma y'igitero

Abashingura abahitanywe na Ebola baratewe amabuye n'abanyagihugu batizera abakozi bagomowe gufasha mu kiza ca Ebola

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abashingura abahitanywe na Ebola baratewe amabuye n'abanyagihugu batizera abakozi bagomowe gufasha mu kiza ca Ebola

Ishirahamwe ry'abavuzi batagira imbibe "Médecins Sans Frontières" (MSF) ryavuze ko ryugaye ivuriro ry'indwara ya Ebola ryagabweko igitero, ryongera riraturigwa ku munsi wa Mungu.

Incuti y'umugwayi yarishwe igerageza guhunga inyuma yaho abikekwa ko ari inyeshamba batereye kw'ivuriro rya Katwa, mu buseruko bwa Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo.

MSF ivuga ko iryo vuriro rya Ebola ryaturiwe uruhande rumwe, ariko rikaba ridashobora kubandanya rikoreshwa inyuma yaho izo nkozi z'ikibi ziryononesheje amabuye, agace karyo kagaturigwa.

Umukuru w'igisagara ca Butembo yabwiye BBC ko bikeka ko abagavye ico gitero boba ari abagwanyi bakorera muri ako karere, ariko ko batazi icatumye bakigaba.

Kino ni kibazo gikomeye kibuza kugenzura neza ico kiza ca Ebola.

Ako karere niko muri kino gihe kagwiriyemwo abantu benshi bafashwe na Ebola.

Abantu barenga 550 baramaze gupfa abandi amajana baramaze gufatwa n'iyo ndwara kuva mu kwezi kw'indwi kurangiye.