Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abahohotewe n'abapatiri mu gusambanywa nabo bavuze amahono baciyemwo mu nama i Vatikano
Abantu bakozweko n'ibikorwa vyo guhohoterwa mu gusambanywa n'abapatiri ba Gatolika, bavuze ayo babonye mu nama idasanzwe yateguwe i Vatikano na Papa Francis kuri ico kibazo.
Umwe muri abo bantu yabwiye iyo nama y'abasenyeri bavuye mu bihugu bishika hafi ijana na mirongo itanu, ko ishengero Gatolika ryafashe abahohotewe nk'ababeshi hamwe n'abansi b'ishengero.
Mu kwiyamiriza abapatiri bakora iryo hohoterwa, abahohotewe bavuze ko "abaganga b'imishaha bahindutse abicanyi b'ukwemera."
Aho yatanguza iyi nama y'iminsi itatu, Papa Francis yemeje ko hazofatwa ingingo zigaragara zibushitse.
Ariko abaharanira agateka k'abahohoterwa bavuga ko amategeko y'ishengero Gatolika yari akwiye kureka gushira abapatiri hejuru y'abahohoterwa.
Abanyamakuru bavuga ko akazi ka Papa kabangamirwa n'uko abasenyeri bo muri Afrika na Aziya batemera ko ico kibazo gihari.