Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abatavuga rumwe na leta ya Zambia bashaka kwitwarira Perezida Lungu muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha
Imigambwe itavuga rumwe na leta ya Zambia ivuga ko ishaka kwitwarira umukuru w'igihugu Edgar Lungu n'abandi bategetsi muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) i La Haye, bagirizwa kugomorera abanyagihugu mu migumuko.
Bavugana n'abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru Lusaka, imigambwe cumi itavuga rumwe na leta yagiriza Perezida Lungu n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Stephen Kampyongo ko bategetse urwaruka gutera abatavuga rumwe na leta mu gihe bari mu myiyamamazo iheruka.
Bwana Hakainde Hichilema arongoye umugambwe mukuru mu yitavuga rumwe na leta, avuga ko igipolisi cagerageje kumwica mu gihe yariko yiyamamaza i Sesheke mu burengero bwa Zambia.
Gushika ubu, nta mutegetsi n'umwe wo mu mugambwe uri ku butegetsi muri Zambia aragira ico avuze kuri ivyo birego.
Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu muri ico gihugu avuga ko ihohotera ryongerekanye cane mu myaka ine Perezida Lungu amaze ku butegetsi.
Mu gihe amashirahamwe amwe aharanira agateka ka muntu abona ko CPI yofasha mu guhasha bimwe mu vyaha bikorwa n'abakomeye, ibihugu bimwe bimwe vya Afrika ntibibona ryiza iyo sentare yagirizwa ko irenganya, igahama uwo mugabane hamwe n'indongozi zawo.