Umugore aharanira agateka muri Kenya yari yaraburiwe irengero 'yapfuye akuzamwo imbanyi'

Umuganga aserukira leta yavuze ko umugore yari yaraburiwe irengero iminsi myinshi yapfuye ariko akuzamwo imbanyi, arangije gusuzuma ikiziga ciwe.

Uwo muganga yasuzumye ico kiziga ca Caroline Mwatha ari kumwe n'abaganga baserukira umuryango wiwe hamwe n'abo mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.

Uwo mugore yitavye Imana yakorera ikigo giharanira agateka ka kiremwa muntu gakurikirana amabi akogwa n'igipolisi ca Kenya.

Igihe aburigwa irengero kuva mu ndwi iheze, hari amakenga menshi ko yoba yanyurujwe uravye imirimo yiwe ya minsi yose.

Ikigo giharanira agateka ka zina muntu Amnesty International cavuze ko inyuma yo gupima ikiziga ngo hamenyekane icamwishe, ko kidashobora kubandanya gikekereza ko Mwatha yapfuye akurigwamwo imbanyi.

Icahitanye uwo mugore kigiye ahabona mu gihe umukuru w'igisata c'iperereza muri Kenya nawe nyene yaheruka kuvuga ko Madamu Mwatha yapfuye inyuma yaho agiriye gukuzamwo imbanyi kw'ivuriro riri hafi y'aho yaba itariki 6/02/2019, umunsi atangura kuburigwa irengero.

Mw'itangazo ryasohowe ku wa Kabiri ku muhingamo, umukuru w'iperereza George Kinoti yavuze ko Madamu Mwatha yapfiriye mw'iryo vuriro, ikiziga ciwe kijanwa mu buruhukiro itariki 7 z'Ukwezi kwa Kabiri.

Umukuru w'iperereza avuga ko imbere yuko acikana, Madamu Mwatha yaguma avugana n'umugabo yahavuye amenyekana ku zina rya Alexander Gitau akora mu buraruko bw'igihugu, abamuzi bavuze ko yari umukunzi wiwe.

Ku bw'igipolisi abo bantu babiri ngo bavugana ku bijanye no "gukuramwo imbanyi y'amezi atanu."

Ku munsi wa Gatatu sentare ya Nairobi yategetse igipolisi guta mu mvuto abantu batandatu bafitaniye isano n'urwo rupfu barimwo nyene ivuriro hamwe n'uwo mukunzi wiwe.