Ubushikirizamanza bw'u Burundi buvuga ko bwafashe umwe mu bafashije guhingura video ya BBC

Umushikirizamanza mukuru w'Uburundi Sylvestre Nyandwi
Insiguro y'isanamu, Umushikirizamanza mukuru w'Uburundi Sylvestre Nyandwi yavuze ko bafashe umwe mu babonetse muri video yasohowe na BBC

Ubushikirizamanza mu Burundi buvuga ko bwafashe umwe mu bagize uruhara muri video ya BBC yagiriza igipolisi c'ico gihugu gukubagura no kwica abantu

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, umushikirizamanza mukuru w'u Burundi Sylvestre Nyandwi yavuze ko bafashe umwe mu bagize uruhara muri video ya BBC kuri ico gihugu ubu avuga ko yabeshe.

Sylvestre Nyandwi avuga ati: "Patrick Mugwaneza 'aremganga' ibiri muri iyo reresi akanavuga ukuntu yateguwe igahingurwa, akanavuga n'abo bayikoranye hamwe n'ababafashije."

Abandanya avuga ko uwo yafashwe yemeza uruhara rw'indongozi z'amashirahamwe yigenga aronderwa n'ubutungane bw'u Burundi, ari we Pacifique Nininahazwe.

Uwo ngo ni we yahuje abamenyeshamakuru ba BBC n'abagize uruhara muri iyo reresi harimwo na Mugwaneza Patrick.

Iyo reresi ya BBC yasohotse itariki 4 z'ukwezi kwa 12 mu 2018, ikerekana inyubakwa iri mu gisagara ca Bujumbura bivugwa ko ariyo iberamwo ibikorwa vyo gukubagura no kwica.

Imaze gusohoka, leta y'u Burundi yarayiyamirije ica ihamagaza abaserukiye ibihugu vyabo mu Burundi n'abandi banyacubahiro, ibajana kuri iyo nzu kugira ibereke ko ibivugwa muri iyo video ngo atari vyo.

Mw'itangazo, igitangazamakuru BBC kivuga ko gishigikiye abanyamakuru baco, kandi ko gihagaze ku kazi bakoze mu gusohora iyo video.

Mwomenya ko BBC isanzwe yarahagaritswe gusamirana ku murongo wa FM mu Burundi kuva mu mpera z'ukwezi kwa kane, nyuma y'ikindi kiganiro cakozwe n'igisata ca BBC c'igifaransa.

Ico gihe BBC hamwe n'ikindi gitangazamakuru mpuzamakungu, vyarahagaritswe ikiringo c'amezi atandatu ariko gushika n'ubu ntirasubira gusamirana.