Umushikirizamanza mukuru wa republika ariyamiriza video ya BBC ivuga ko agateka ka muntu gasinzikazwa mu Burundi

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, umushikirizamanza mukuru wa republika, Sylvestre Nyandwi, arahakana yivuye inyuma ibiri muri video ya BBC bivuga ko inzego z'iperereza zica zikanapfungira abantu ahantu hatazwi.
Muri iyo video haravugwa abantu boba barakubaguwe abandi baricirwa mu nzu iri muri zone Kinindo mu gisagara ca Bujumbura, kw'ibarabara Ntwarante nimero 76.
Iyo video kandi irerekana umuvo w'amaraso bavuga ko ari ay'abantu bagandaguriwe muri iyo nzu.
Umushikirizamanza avuga ko bamaze kubona iyo video hakozwe amatohoza yo kumenya nimba ibivugwa n'ivyerekanwa vyoba ari vyo ariko ngo basanga ari ibinyoma.
Sylvestre Nyandwi avuga ati: "Iyo nzu ivugwa ko yakorewemwo ayo mabi nticunzwe n'abakozi b'iperereza nk'uko bivugwa muri iyo video. Icungerewe n'igipolisi."
Abandanya avuga ko iyo ngingo yo kuyicungisha abapolisi yafashwe itariki 27 z'ukwezi kwa 11 mu 2015 inyuma yo kuyitoramwo ibigwanisho vyamenyekanye inyuma yo guhakwa kugandagura umushingamateka Zenon Ndaruvukanye.
Ngo haciye hafatwa abantu babiri bakekwako ico caha, umwe muri bo akaba ari we yerekanye ahanyegeje ivyo bigwanisho.
Nyandwi avuga ko uwundi wa gatatu yitwa Kaze Prosper yaciye ahunga n'ubu ngo ubutungane bukaba bukimurondera.
Umushikirizamanza mukuru agira ati: "Biratangaje kwumva inkozi y'ikibi ari yo ikoreshwa muri iyo video ivuga ibinyoma, ivuga ngo ni ivyabereye aho hantu. Ivyo bigaragaza ko muri iyo video ata kuri kurimwo.
"Twumvirije umubanyi w'iyo nzu n'abakozi, twasanze ibivugwa muri iyo video bitigeze biba haba muri iyo nzu canke mu micungararo yayo. Iyo nzu bavuga ko yabereyemwo ivyo bintu ni na yo bari batoyemwo ibigwanisho".
"Amaraso y'impene"
Amaraso na yo yerekanwa atemba muri iyo video avuga ko ari ay'impene.
"Twasanze amaraso yerekanwa muri iyo video ari ay'impene zabazwe ku musi mukuru w'aba Islam nk'uko vyemejwe n'umwe mu bafise inzu iri haruguru y'iyo nzu ivugwa, abakozi biwe nibo bazibaze bari kumwe na bamwe mu babanyi."
Umushikirizamanza mukuru wa republika kandi arahakana ko hari ubusho bunyegeje hirya no hino mu gihugu ngo kanatsinda abakoze iyo video nta cemeza na kimwe ahubwo bitiranya ibirindiro vy'abapolisi, ibiro vy'ubuzi bumwe bumwe bwa reta n'amabohero kandi amabohero ari ahantu hazwi n'amategeko.

Avuga kandi ko kuva ivyo bitanguye kuvugwa mu maraporo y'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu no mu binyamakuru reta yagiye irabibeshuza.
Ngo igipolisi carajanye abamenyeshamakuru n'indorerezi z'ubumwe bwa Afrika kwirabira aho hantu hadomweko urutoke baribonera ko ata mabohero ariyo.
Hanabajijwe impamvu abategetsi basabwe hakiri kare kugira ico bavuze kuri iyo video itarasoka ariko baranka.
Aha Sylvestre Nyandwi avuga ati: "Ni vyo barabajijwe ariko ntibaberetse ibiri muri iyo video."
Video ya BBC ivuga ko yerekana amabi abakozi b'iperereza bakorera abanyagihugu, yasohotse itariki 4 z'ukwezi kwa 12 mu 2018.
Radio BBC isanzwe ubu itumvikana mu Burundi haraciye amezi arenga atandatu, ikaba yari yarangije igihano co kutavugira ku butaka bw'ico gihugu itariki 7 z'ukwezi kwa cumi na rimwe yagirizwa gutanga inkuru ihengamye.
Uwurongoye urwego rujejwe kugenzura ibimenyeshamakuru, Nestor Bankumukunzi, aherutse kumenyesha ko kugira iyo radiyo isubire gusamirana izobanza gushira umukono ku masezerano mashasha.










