Ibiganiro vya "nucléaire" vya Amerika na Korea ya Ruguru bizobera i Hanoi muri Vietnam

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'igihugu ca Amerika Donald Trump yavuze ko umubonano wa kabiri n'indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un uzobera i Hanoi ku mugwa mukuru wa Vietnam.
Abo bagabo ukwo ari babiri bazohura itariki 27 na 28 z'Ukwezi kwa Kabiri mu biganiro bifise intumbero yo kugondoza ico gihugu c'aba komunista kuvavanura n'umugambi waco wa "nucléaire".
Imigenderanire myiza na Vietnam yobera akarorero ubucuti buri hagati ya Amerika na Korea ya Ruguru.
Bwana Trump yavuze ko intumwa ya Amerika yarungitse yagiranye ibiganiro "vyubaka cane" na Korea ya Ruguru mu gutegura uwo mubonano mushasha.
Umubonano wa mbere hagati ya Perezida Trump na Bwana Kim i Singapour mu kwezi kwa Gatandatu kurangiye wakurikiranywe cane kandi n'icizere ariko munyuma ntihagira ikintu kiboneka kivamwo.

Ahavuye isanamu, AFP
Impande zose ziyemeje gutangura kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda ariko nta na ruwme rwavuze ingene ivyo bikorwa vyorangugwa n'ingene vyokurikiranwa.
Kubera iki i Hanoi?
Ashikiriza ijambo igihugu ku munsi wa Kabiri, Bwana Trump yavuze ko yimirije kubonana na Bwana Kim muri Vietnam ariko ntiyavuga ikibanza bazobonaniramwo.
Ku munsi wa ku mugoroba mu masaha ya Washington, yarungitse ubutumwa acishije kuri Twitter ko bazohurira i Hanoi kugira ngo "batere baja imbere mu mugambi w'amahoro".
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Hanoi niwo wari umugwa mukuru w'igihugu c'igi Komunista ca Vietnam ya Ruguru igihe c'ingwano yatwaye amaraso menshi hagati y'i 1965 n'i 1973, ingwano abanyamerika bita "ingwano yo muri Vietnam", abanya Vietnam nabo bakayita "ingwano y'abanyamerika".
Kuva igihe c'iyo ntambara, abasivile hamwe n'abagwanyi baguyemwo, Vietnam yasubiranye yaranaguye imigenderanire na Amerika naho yagumye kuri politike y'igi Komunista.
Vietnam ifatwa nk'akarorero na Korea ya Ruguru, ku mahinduka yakoze ku bijanye n'ubutunzi hamwe na politike.










