Ibihugu vya LIMA vyipfuza Juan Guaidó ka mukuru w'igihugu mfatakibanza

Ibihugu vya LIMA vyipfuza ko Guaidó aba umukuru w'igihugu mfatakibanza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibihugu vya LIMA vyipfuza ko Guaidó aba umukuru w'igihugu mfatakibanza

Ibihugu bihurikiye mu muryango LIMA hamwe na Canada birasaba igisirikare ca Venezuela gushigikira Juan Guaidó nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza.

Mw'itangazo ryashizwe ahabona n'uwo muryango, ibihugu 11 kuri 14 bigize LIMA bisaba ko ubutegetsi buhinduka hatarinze gukoreshwa inguvu no gutanga imfashanyo ku mbabare.

Mu gihe Bwana Guaidó aherutse gutangaza ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza akanashigikirwa n'ibihugu vy'ibihangange birimwo Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Prezida Nicolás Maduro aguma yemeza ko ari we aramutswa igihugu.

Bwana Maduro ashigikiwe n'ibihugu birimwo Ubushinwa n'Uburusiya, bagabishije ko uruhagarara rwa politike rwiyongera rushobora gutuma haduka intambara.

Umuryango wa LIMA wavuze iki?

Uwo mugwi wasohoye itangazo ririmwo ingingo 17 , inyuma y'inama yabereye ku mugwa mukuru Ottawa w'igihugu ca Canada.

Ico cegeranyo kivuga ko leta za Argentine, Brezile, Canada, Chili, Colombia, Costa Rica, Guatemala, Honduras, Panama, Paraguay hamwe na Peru, vyashimangiye kandi biniyemeza gushigikira Juan Guaidó nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Venezuela.

Ivyo bihugu vyasavye kandi umuryango mpuzamakungu ko bifatira ibihano prezida Maduro, bakamubuza ibijanye n'ugusohora canke kwinjiza amahera, bakanamubuza uburenganzira ku matungo igihugu ca Venezuela gifise hanze, kandi bakanamubuza gusubira kudandaza petroli, inzahabu n'ubundi butare.

Ariko ibihugu bitatu ari vyo Guyane, Mexique and Sainte Lucie biri muri uwo muryango wa LIMA ntivyashigikiye ibiri muri iryo tangazo. Twibutse ko umuryango LIMA washinzwe mu mwaka wa 2017 mu ntumbero yo gufasha gutorera umuti indyane zo muri ico gihugu ca Venezuela.

Maduro yaragabishije ko indyane igihugu ciwe kirimwo zishobora gutuma haduka intambara.

Yishura ku kibazo yari abajijwe na televiziyo y'igihugu ca Espagne nimba igihugu gishobora kwinjira mu ntambara, bwana Maduro yavuze ko bigoye kumenya ubu. Ati vyose bizovana n'ugusarambwa hamwe n'uburakari bw'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika na ba somambike baco b'abanyabulayi.

Asaba ko hatogira uwokwivanga mu biraba ico gihugu, akagabisha ko abanya Venezuela biteguye kurwanira igihugu cabo.

Kubwa Guaidó wewe, ngo nta ntambara ishoboka mu gihugu. Avuga ko ngo ayo ari amanyanga ya Maduro.

Ku rundi ruhande ibihugu bishika 17 vya Buraya harimwo Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi na Espagne, vyatangaje ko bishigikiye Guaidó nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza. Ni inyuma y'uko isango y'iminsi 8 vyari vyatanze kugira hategurwe ayandi matora rirenze ata kibaye.

Hari ibindi bihugu harimwo Ubugiriki na Irlande bitemera Guaido nk'umukuru w'igihugu, ariko bigasaba ko hatunganywa ayandi matora.

Hampande y'ibihugu bitari bike harimwo Uburusiya n'Ubushinwa bisanzwe bimushigikiye, umukuru w'igihugu Maduro arashigikiwe kandi n'igisirikare c'ico gihugu.