Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gbagbo yasubiye imbere y'abacamanza ba CPI mu gitondo
Laurent Bagbo yahoze ari Perezida wa Côte d'Ivoire yunguruza urubanza ku ngingo y'ubucamanza yo kumugumiza mu gasho, igihe arenguka imbere ya sentare mpuza makungu mpanavyaha (CPI), mu gihe yari yejejwe ku vyaha vy'isinzikaza rya kiremwa muntu.
Mu myaka yiwe 73, uyu yahoze arongoye Côte d'Ivoire yari yagumijwe mu gasho naho ingingo yo "kumurekura bwango" yari yashikirijwe n'abacamanza b'iyo sentare mu rubanza rw'ibanze.
We na mugenzi we Charles Blé Goudé, bose barejejwe kuvyaha bisa bari barigizwa. Iyezwa ryabo ryari ryabaye mu kwa mbere guheze, haheze iminsi 231 bumvirizwa.
Aba bagabo Gbagbo na Blé Goudé bari bagirijwe kuba barateguye akaguma kadutse mwo intambara, inyuma y'amatora yagizwemwo impari, mu 2010.
Ibitigiri bishikirizwa n'inzego zibirekuriwe, n'uko abantu 3.000 bahasize ubuzima, 500.000 bagateshwa izabo, nayo 60.000 bagahungira mu bihugu bibanyi vya Côte d'Ivoire.
Inyuma y'ingingo y'abacamanza ba CPI yo ku barekura, umucamanza mukuru wa CPI yasavye, aranemererwa ko Laurent Gbagbo na Charles Blé Goudé bagumizwa mu gasho.
Abakorana n'umucamamanza mukuru Fatou Bensouda, bishimikiza ko Laurent Gbagbo yoshobora kuzokwanka gusubira kwitaba iyo sentare, mu gihe yosubira kumukenera.
Bensouda ashimika ko abo bagabo babiri bagabanirizwa ukwidegemvya.
Amakuru ava mu bacamanza, n'uko iciyumviro catanzwe ubwa mbere, ar'uko Bagbo yokwambikwa ikimeze nk'aka jegeri ku kuguru, gashobora kumuranga aho ari hose, hakoreshejwe ubuhinga ngurukana bumenyi.
Ikindi n'uko, i komine yomwakira yomugabaniriza ubwigenge, na cane cane nt'aje mu biganiro vya politike biraba igihugu ciwe.
Italiki 29 z'ukwa mbere 2019, abashingwamanza b'aba bagabo babiri basubiriye gusaba, mu rwandiko, ko abo baburanira barekurwa.
Babaza bati, "Twibukije ko Laurent Gbagbo yejejwe italiki 15 z'ukwa mbere. Ingingo yo kwezwa imaze iki iyo itubahirijwe?"
"Ivyo bivuga ko abejejwe baba basubijwe ubwigenge bwabo bwose. Urubanza rwaraheze, babwirizwa gusubizwa ubwigenge bwabo".
Abacamanza ba sentare bariko begeranya ibibazo vyinshi vyo kubaza umupfasoni Bensouda hamwe n'abashingwamanza ba Bagbo na Blé Goudé.
Kandi bemeza ko batagaruka guca urubanza ubugira kabiri.
Ko bababuranira, ukwakwa ukwidegemvya kwabo kwaragashe.
Bavuga ko ari " Ubwa mbere mu biranga sentare mpanavyaha yo kw'isi, umuntu yezwa ku bimwagira, mugabo hakaba izindi mpari zo kumurekura".