Prezida mushasha wa Kongo Felix Tshisekedi yabwirijwe kuruhuka gato aho yarahira

Umukuru w'igihugu mushasha wa Republika ya Demokrasi ya Kongo, Felix Tshisekedi, yategerejwe kuruhuka gato mu muhango wo kurahira wari witabwe n'isinzi ry'abantu i Kinshasa.

Bwana Tshisekedi yafashwe n'uburwayi bw'akanya gato, avuga ko yarengewe n'ivyashitse hamwe no kunanizwa n'amasaha menshi yamaze ari mu gikorwa co kwiyamamaza.

Nyuma y'akaruhuko k'umwanya muto, yagarutse mu kibanza yariko ashikiriza ijambo ahagazemwo asaba isinzi ry'abantu bari ngaho kumutunga.

Umuvugizi wiwe yabariye itororokanirizo ry'amakuru, Reuters, ko umwambaro umukingira amasasu yari yambaye (bullet proof vest) wari umwegereye cane.

Ibibazo Tshisekedi yahuye navyo mu muhango wo kurahirira amabanga yo kuba umukuru w'igihugu, ni ubusa ugereranije n'ivyo agiye guhura navyo ka mukuru w'igihugu.

Ivyo bibazo birimwo ruswa, itana mu mitwe hamwe n'ikibazo co kwemezwa kwiwe mu gihe intsinzi yiwe hari abatayemera.

Tshisekedi yiyemeje iki?

Umukuru w'igihugu mushasha wa Republika ya Demokrasi ya Kongo, Felix Tshisekedi, yiyemeje kurekura imfungwa za politike hamwe no kwugururira inzira umuzo w'ubwigenge.

Yasubiriye Joseph Kabila yari amaze imyaka cumi n'umunani ku butegetsi, ikiringo caranzwe no kutorohereza abatavuga rumwe na leta.

Ariko umukuru w'igihugu mushasha yakengurukiye uwo asubiriye ku kungene yemeye kubisa uwundi.