Umumenyereza Solskjaer yavuze ko Lukaku agifise uruhara runini mu mugwi

Romelu Lukaku amaze kwinjiza ibitsindo 36 ku nkino 77 za Manchester United

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Romelu Lukaku amaze kwinjiza ibitsindo 36 ku nkino 77 za Manchester United

Umumenyereza w'umugwi Manchester United, Ole Gunnar Solskjaer yavuze ko umukinyi w'imbere Romelu Lukaku agifise uruhara runini mu mugwi wa Manchester United.

Uwo mukinyi yaguzwe imiliyoni 75 z'amapawundi ava mu mugwi Everton, amaze gukina iminota 74 mu nkino zitandatu kuva Solskjaer ashikirijwe umugwi, ariko akaba yaratanguye mu rukino rwa FA Cup batsinzemwo umugwi Reading.

Solskjaer yagiye ahitamwo gukinisha Marcus Rashford, Jesse Lingard na Anthony Martial.

Ariko uwo mugabo wo mu gihugu ca Norvège yavuze ko Lukaku - w'imyaka 25 - agifise uruhara runini mu mugwi.

Abakinyi Rashford na Paul Pogba nibo bo nyene bamaze kwinjiza ibitsindo birenga bitatu Lukaku amaze gutsinda, kuva Mourinho yirukanywe itariki 18 Ukwezi kwa 12.

Mu gihe Alexis Sanchez na Juan Mata bariko baragerageza ngo baje mu mugwi wa United w'abatangura, Solskjaer ari mu bihe bimwibutsa igihe yakinira aba Red Devils.

Amaze kwimukira ku kibuga Old Trafford mu 1996, Solskjaer yinjirije United ibitsindo 126 mu mahiganwa 11.

Yagize ati: "Narigeze kuba ndi mu basatirizi bane dukinisha babiri. Ubu dufise abasatirizi batandatu ariko tugakinisha batatu.

"Hari inkino zikwiye. Bisaba ko ukoresha amahirwe yawe neza iyo uyaronse.

"Nta muntu yinjiza ibitsindo vyinshi nka Romelu mu myimenyerezo."