Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Congo yanse ivyo isabwa na AU vyo kwigiza inyuma itariki yo gutangaza ivyavuye mu matora ntabanduka
Leta ya Republika ya Demokarsasi ya Congo yanse ingingo yasabwe n'Ubumwe bwa Afrika yo kwigizayo isango ryo gutangaza ibiharuro ntabanduka vyavuye mu matora yo kuwa 30/12/2018.
Hari hasigaye iminsi mike ngo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro itangaze ingingo yafashe ku birego vyatanzwe n'umwe mu ba kandinda muri ayo matora y'umukuru w'igihugu.
Umuvugizi wa leta, umushikiranganji Lambert Mende, avuga ko atari akazi ka Leta n'imwe, yaba na Leta ya Congo canke Ubumwe bwa Afrika ko kubwiriza inzego zitunganya amatora mu kuzibwiriza ico zitegerezwa gukora.
Abakuru ba Angola, Tchad, Uganda, Afrika y'epfo, Ethiopia na Namibia, nibo bari bitavye inama idansanzwe yari yahamagajwe kuwa kane i Addis Abeba mu ntumbero yo kwiga ikibazo c'ibisikanya ku butegetsi muri Republika ya demokarasi ya Congo.
Moussa Faki Mahamat arongoye inama y'ubumwe bwa Africa yavuze ko inama yo ku munsi wa kane yari ikomeye cane mu kwigira hamwe ingene hoba ibisikanya ku butegetsi bwa Congo ata cononekaye.
Ikigo c'itangazamakuru AFP gisubiramwo amajambo ya Mousa Faki Mahamat, agira ati:
"N'ubwo mu gihugu hagitekanye kugeza ubu, impungenge ziracariho"
" Vy'ukuri hari impungenge zidasanzwe ku kumenya nimba ibiharuro vyatangajwe vyari vyisunze ivyavuye mu matora"
Umugwi ujejwe gutunganya amatora watangaje ko Felix Tshisekedi ariwe yarushije abandi amajwi, mu biharuro vy'imfatakibanza, n'amajwi 38.5%, nayo Martin Fayulu aronka 34.7 %, urunani rw' umugambw euri ku butegetsi ruserukiwe na Emmanuel Ramadhani Shadary narwo rutahana 23.8%..
Ariko, Martin Fayulu, yitoje ku ruhande rw'abatavuga rumwe na leta yemeza ashimitse ko ariwe yatsinze amatora.
Kuwa gatandatu w'indwi iheze niho uyo mu kandida w'urunani 'Lamuka' rurimwo igice c'abatavuga rumwe na leta barongowe na Moise Katumbi na Jean Pierre Bemba, yashikiriza ibirego sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.
Martin Fayulu asaba ko ivyavuye mu matora bisubira guharurwa gushasha.
Ababikurikiranira hafi babona ko hari inzira zitatu zishoboka ku nyishu ashobora kuronka.
Mu ntango z'iyi ndwi, ishirahamwe ry'ubutunzi rihurikiyemwo ibihugu vya Afrika yo mu bumanuko -SADC, ryari ryavuze ko abarongoye abandi mu vya politike bose, babwirizwa kwumvikana biciye mu biganiro, bagashinga leta ihurikiyemwo bose.
Hamwe sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yokwemeza ko Tshisekedi ariwe yatsinze, bwoba bubaye ubwa mbere haba ibisikanya ku butegetsi ata kaguma, kuva ico gihugu cikukiye, mu 1960.