Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwutavuga rumwe na reta muri RD Congo yatsinze amatora ya prezida
Felix Tshisekedi yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu muri RD Congo nk'uko bimenyeshwa n'akanama kajejwe gutunganya amatora.
Ivyavuye mu matora vyerekana ko Tshisekedi yarushije uwundi atavuga rumwe na reta Martin Fayulu hamwe n'umukandida yari ashigikiwe na reta Emmanuel Shadary.
Umukuru w'akanama kajejwe gutegura amatora (Ceni) Corneille Nangaa, mu gitondo ca kare co ku wa kane yavuze ko Tshisekedi yaronse ibice 38.57% vy'amajwi, aca "atangazwa ko ari we yatsinze amatora."
Tshisekedi yaronse amajwi arenga imiliyoni 7, Fayulu na we yaronse imiliyoni 6.4, mu gihe uwaserukiye reta muri ayo matora Emmanuel Ramazani Shadary yaronse imiliyoni 4.4 z'amajwi.
Fayulu yiyamirije ivyavuye muri ayo matora vyatangajwe n'akanama kajejwe gutunganya amatora.
Yabwiye BBC igisata c'igifaransa ati: "Ibi n'ibiterasoni. Ibi ntaho bisa bisana na gato n'ukuri. Abanyagihugu ba Congo ntibashobora kwemera ubusuma nk'ubu. Felix Tshisekedi nta majwi imiliyoni indwi yaronse, ntibishoboka. Yayakuye hehe?"
Ku ruhande rwiwe, Tshisekedi yanezerejwe n'ivyavuye muri ayo matora, aranashimagiza uwo agiye gukorera mu ngata, Joseph Kabila.
Ashikiriza ijambo abayoboke biwe bari bakoraniye ku mugwa mukuru Kinshasa, Tshisekedi yavuze ko "azoba prezida w'abanyagihugu bose ba Congo."
Mu gihe ivyavuye mu matora vyokwemezwa, Tshisekedi azoba abaye umukandida wa mbere w'abatavuga rumwe na reta atsinze amatora y'umukuru w'igihugu kuva RD Congo yikukira.
Ivyatangajwe na CENI vyavuye mu matora:
- Felix Tshisekedi 7,051,013 (38.57%)
- Martin Fayulu Madidi 6,366,732 (34.83%)
- Emmanuel Shadary 4,357,359 (23.84%)
*Ibiharuro vya CENI vy'abitavye ayo matora: 47.56%.
Tshisekedi ari mu runani rw'imigambwe rwa UNC bahuriyemwo na Vital Kamerhe, aho bafitaniye amasezerano ko Tshisekedi azokwitoreza kuba umukuru w'igihugu, Kamerhe na we abe umushikiranganji wa mbere mu gihe botsinda.
Vyitezwe ko prezida Kabila ava ku butegetsi inyuma y'imyaka 18 arongoye Congo.
Uwo yari ashigikiye muri ayo matora Emmanuel Ramazani Shadary yaronse ikibanza ca gatatu muri ayo matora.
Martin Fayulu yabanje kuba umukandida w'urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta imbere y'uko Tshisekedi hamwe n'umukandida wa UNC Vital Kamerhe bikura muri urwo runani, bagira urunani rwabo ari babiri, yagiye mu kibanza ca kabiri.
Ishengero Katolika rivuga iki ku biharuro mfatakibanza vya CENI
Mw'itangazo ry'ishegero rya Katolika, rivuga ko ryabonye ibiharuro mfatakibanza vy'amatora ya prezida, ku ncuro ya mbere muri kahise k'ico gihugu, bica inzira igana kw'ihererekanwa ry'ubutegetsi.
Ribandanya rivuga ko ibiharuro vyatangajwe na CENI ariko ata ho bisa bisana n'ivyegeranijwe n'indorerezi zabo mu tuzu tw'amatora hamwe no mu bibanza baharuriramwo amajwi.
Bahamagariye abantu boye kuvwifatamwo neza bakirinda imidurumbanyo.
"Inyuma y'iryo tangazwa ry'ivyavuye mu matora,turateye akamo abantu bose kwerekana ko bakunda igihugu bakanirinda gukoresha igikenye."
Katolika kandi yasavye ko mu gihe hoba uwutemera ivyo biharuro mfatakibanza, yokoresha uburyo butegekanijwe n'amategeko ari mw'ibwirizwa shingiro hamwe n'amategeko agenga amatora.