Uwutavuga rumwe na reta muri RD Congo yatsinze amatora ya prezida

Felix Tshisekedi ari mu nama y'umugambwe wiwe mu kwezi kwa kane mu 2018 mu gisagara ca Kinshasa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tshisekedi yanezerejwe n'ivyavuye muri ayo matora aranashimagiza uwo agiye gukorera mu ngata, Joseph Kabila

Felix Tshisekedi yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu muri RD Congo nk'uko bimenyeshwa n'akanama kajejwe gutunganya amatora.

Ivyavuye mu matora vyerekana ko Tshisekedi yarushije uwundi atavuga rumwe na reta Martin Fayulu hamwe n'umukandida yari ashigikiwe na reta Emmanuel Shadary.

Umukuru w'akanama kajejwe gutegura amatora (Ceni) Corneille Nangaa, mu gitondo ca kare co ku wa kane yavuze ko Tshisekedi yaronse ibice 38.57% vy'amajwi, aca "atangazwa ko ari we yatsinze amatora."

Tshisekedi yaronse amajwi arenga imiliyoni 7, Fayulu na we yaronse imiliyoni 6.4, mu gihe uwaserukiye reta muri ayo matora Emmanuel Ramazani Shadary yaronse imiliyoni 4.4 z'amajwi.

Fayulu yiyamirije ivyavuye muri ayo matora vyatangajwe n'akanama kajejwe gutunganya amatora.

Yabwiye BBC igisata c'igifaransa ati: "Ibi n'ibiterasoni. Ibi ntaho bisa bisana na gato n'ukuri. Abanyagihugu ba Congo ntibashobora kwemera ubusuma nk'ubu. Felix Tshisekedi nta majwi imiliyoni indwi yaronse, ntibishoboka. Yayakuye hehe?"

Abakandida batavuga rumwe na reta Martin Fayulu (i bubamfu) na Felix Tshisekedi (i buryo) bari bahanganye n'uwahoze ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Emmanuel Shadary (hagati)

Ahavuye isanamu, AFP/Reuters

Insiguro y'isanamu, Abakandida batavuga rumwe na reta Martin Fayulu (i bubamfu) na Felix Tshisekedi (i buryo) bari bahanganye n'uwahoze ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Emmanuel Shadary (hagati)

Ku ruhande rwiwe, Tshisekedi yanezerejwe n'ivyavuye muri ayo matora, aranashimagiza uwo agiye gukorera mu ngata, Joseph Kabila.

Ashikiriza ijambo abayoboke biwe bari bakoraniye ku mugwa mukuru Kinshasa, Tshisekedi yavuze ko "azoba prezida w'abanyagihugu bose ba Congo."

Mu gihe ivyavuye mu matora vyokwemezwa, Tshisekedi azoba abaye umukandida wa mbere w'abatavuga rumwe na reta atsinze amatora y'umukuru w'igihugu kuva RD Congo yikukira.

Ivyatangajwe na CENI vyavuye mu matora:

  • Felix Tshisekedi 7,051,013 (38.57%)
  • Martin Fayulu Madidi 6,366,732 (34.83%)
  • Emmanuel Shadary 4,357,359 (23.84%)

*Ibiharuro vya CENI vy'abitavye ayo matora: 47.56%.

Tshisekedi ari mu runani rw'imigambwe rwa UNC bahuriyemwo na Vital Kamerhe, aho bafitaniye amasezerano ko Tshisekedi azokwitoreza kuba umukuru w'igihugu, Kamerhe na we abe umushikiranganji wa mbere mu gihe botsinda.

Abayoboke ba Tshisekedi bari bakoraniye ku cicaro c'umugambwe wabo i Limete, ku mugwa mukuru Kinshasa ku wa gatatu

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abayoboke ba Tshisekedi bari bakoraniye ku cicaro c'umugambwe wabo i Limete, ku mugwa mukuru Kinshasa ku wa gatatu

Vyitezwe ko prezida Kabila ava ku butegetsi inyuma y'imyaka 18 arongoye Congo.

Uwo yari ashigikiye muri ayo matora Emmanuel Ramazani Shadary yaronse ikibanza ca gatatu muri ayo matora.

Martin Fayulu yabanje kuba umukandida w'urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta imbere y'uko Tshisekedi hamwe n'umukandida wa UNC Vital Kamerhe bikura muri urwo runani, bagira urunani rwabo ari babiri, yagiye mu kibanza ca kabiri.

Ishengero Katolika rivuga iki ku biharuro mfatakibanza vya CENI

Mw'itangazo ry'ishegero rya Katolika, rivuga ko ryabonye ibiharuro mfatakibanza vy'amatora ya prezida, ku ncuro ya mbere muri kahise k'ico gihugu, bica inzira igana kw'ihererekanwa ry'ubutegetsi.

Ribandanya rivuga ko ibiharuro vyatangajwe na CENI ariko ata ho bisa bisana n'ivyegeranijwe n'indorerezi zabo mu tuzu tw'amatora hamwe no mu bibanza baharuriramwo amajwi.

Bahamagariye abantu boye kuvwifatamwo neza bakirinda imidurumbanyo.

Abasenyeri baheruka gutera akamo abategetsi ba Republika ya Demokrasi ya Kongo ngo bavugishe ukuri ku vyavuye mu matora yo kw'itariki 30 z'ukwezi kwa 12 mu 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abasenyeri baheruka gutera akamo abategetsi ba Republika ya Demokrasi ya Kongo ngo bavugishe ukuri ku vyavuye mu matora yo kw'itariki 30 z'ukwezi kwa 12 mu 2018

"Inyuma y'iryo tangazwa ry'ivyavuye mu matora,turateye akamo abantu bose kwerekana ko bakunda igihugu bakanirinda gukoresha igikenye."

Katolika kandi yasavye ko mu gihe hoba uwutemera ivyo biharuro mfatakibanza, yokoresha uburyo butegekanijwe n'amategeko ari mw'ibwirizwa shingiro hamwe n'amategeko agenga amatora.