Martin Fayulu atemera ivyavuye mu matora muri Congo agiye kwitura ubutungane

Umukandida atavuga rumwe na leta yatsinzwe amatora muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), Martin Fayulu, yafashe ingingo yo kwiyamiriza ivyashikirijwe muri sentare.

Uwundi mukandida atavuga rumwe n'ubutegetsi, Felix Tshisekedi, niwe yashikirijwe ko yatsinze amatora, mu gihe bivugwa ko yagiranye amasezerano yo gusangira ubutegetsi n'umukuru w'igihugu agiye gusohoka.

Inyuma yaho Félix Tshisekedi atangarijwe ko ariwe yatsinze amatora, abantu batari bake baramaze kugwa mu ntureka zaduka hirya no hino.

Igipolisi ca Congo cavuze ko abantu batanu aribo bamaze gupfa, mu gihe abapolisi 17 bakomerekeye muri iyo midugararo yo kwiyamiriza intsinzi ya Bwana Tshisekedi.

Uwamukurikiye mu majwi Martin Fayulu yemeza ko amajwi yibwe, akaba yafashe ingingo yo kwitwara muri sentare.

Ekleziya Katolika yarungitse abarorerezi 40000 gukurikirana ayo matora mu gihugu cose, ivuga ko ayo matora yagiyemwo ubusuma.

Isaba abanyagihugu gutekana gushika igihe akanama kajejwe amatora kazoba kashikirije ibitigiri vya nyuma vy'ivyavuye mu matora.

Bitegekanijwe ko kuri uno wa Gatanu ku mugoroba, akanama ka ONU kajejwe umutekano kw'isi kicarira ikibazo ca Congo.

Ayo matora aheruka gutunganywa muri ico gihugu afise intego yo kurondera umusubirizi wa Perezida Joseph Kabila, amaze imyaka 18 ku butegetsi.

Igihe ivyavuye mu matora vyokwemegwa n'impande zose, buzoba bubaye ubwa mbere ubutegetsi buhererekanijwe mu mategeko kuva igihugu cikukira mu 1960.