Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubutegetsi buridogera Ekleziya Katolika mu kuvuga ko izi uwatsinze amatora muri RD Congo
Urunani ruri ku butegetsi muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) rwidogeye Ekleziya Katolika mu kuba yashikirije ko izi uwatsinze amatora yo ku munsi wa Mungu.
Umuvugizi wa "Front Commun du Congo" (FCC) yabwiye BBC "ko bakoze ibitemewe n'amategeko kandi ko bariko bategurira abanyagihugu kugumuka".
Urunani ruri ku butegetsi ruvuga ko akanama kajejwe amatora ariko ko nyene karekuriwe n'amategeko gutangaza ivyavuye mu matora.
Mu ntango z'ino ndwi inama y'abepiskopi "Conference Episcopale Nationale du Congo" (Cenco) yavuze ko uwatsinze amatora amaze kwibonekeza iravye ibitigiri yabonye.
Cenco yagomoye abarorerezi barenga 40000 umunsi w'amatora - igitigiri ata wundi mugwi washoboye gushikana- ariko ntiyavuze uwatsinze uwariwe.
Abasenyeri basaba ubutegetsi kuba imvugakuri bagashikiriza ningoga ivyavuye mu matora.
Ekleziya Katolika ya Congo yamye ishira ijwi hejuru yiyamiriza Perezida Joseph Kabila kwiyongera ikindi kiringo.
Yategerezwa kuba yavuye ku butegetsi mu 2016.