Akanama kajejwe gutunganya amatora muri RD Congo kavuga ko ivyavuye mu matora bishobora guteba kumenyekana

Akanama kajejwe gutegura amatora muri RD Congo kavuga ko ivyavuye mu matora aheruka bishobora kumenyekana inyuma y'itariki 6 z'ukwezi kwa mbere vyari vyitezweko.

Umukuru w'ako kanama, Corneille Nangaa avuga ko icicaro gikuru co kwakiriramwo amajwi n'ubu kikirindiriye amajwi agera ku bice 80% vy'abatoye hirya no hino mu gihugu.

Yavuze kandi ko hakiri kare kumenya impamvu ayo majwi yacerewe ariko imigambwe itavuga rumwe na reta ivuga ko ari amayeri yo kwiba amajwi.

Muri ico gihe nyene, ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika hamwe na SADC - bavuze ko ayo matora yagenze neza muri rusangi, n'aho habayemwo ibibazo vyinshi vy'ubuhinga hamwe n'imidurumbanyo muri tumwe mu turere.

Abarorerezi kandi bavuga ko ku tuzu tw'amatora tumwe tumwe twuguruwe duteba bituma amatora atangura ateba.

Bongeyeko ko abatora batigishijwe neza ku kungene bokoresha imashini zikoreshejwe ubwa mbere muri ico gihugu.

Bavuga ku vyerekeye ingorane zo gutegura amatora mu karere katewe n'umugera wa Ebola n'intambara, ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ririyamiriza ingingo yo kubuza abantu gutora kubera bababujije uburenganzira bwabo bwa demokrasi, aha bakavuga ko abanyepolitike bose batabajijwe kuri iyo ngingo.

Ishirahamwe ry'ibihugu vy'ubumanuko bwa Afrika, SADC, na ryo kandi ryemeje ko ari amatora ya mbere akozwe ata mfashanyo itanzwe, ikaba ngo ari ingingo ikomeye.

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ryipfuza ko ibiza kuva mu matora biza kwerekana ishaka ry'abanyagihugu, bagasaba n'abataza kwemera ibiyavuyemwo guca mu nzira zitegekanijwe n'amategeko mu kubihakana.