SADC ihanura leta ihurikiyemwo bose muri Kongo

Kuva aho akanama kajejwe amatora CENI kashikiririje ibitigiri mfatakibanza, igipolisi caragomowe mu duce twinshi tw'igihugu no mu gisagara ca Kinshasa

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Kuva aho akanama kajejwe amatora CENI kashikiririje ibitigiri mfatakibanza, igipolisi caragomowe mu duce twinshi tw'igihugu no mu gisagara ca Kinshasa

Umuryango w'ibihugu vya Afrika yo mu bumanuko "Southern Africa Development Community" (SADC) usaba ko hoba leta y'ubumwe, inyuma y'amatora atumvikanyweko muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Kongo.

Uwo muryango uvuga ko indongozi zose za politike zikwiye kwumvikana ingene zotunganya urwo rwego rukuru rw'igihugu.

Umukandida atavuga rumwe n'ubutegetsi Felix Tshisekedi, niwe yashikirijwe ko yatsinze amatora ariko uwundi agwanya ubutegetsi Martin Fayulu avuga ko ariwe yatsinze.

Avuga ko Bwana Tshisekedi yagiranye amasezerano na Perezida agira ave ku butegetsi Joseph Kabila.

Bwana Kabila amaze imyaka 18 ku burongozi bw'igihugu, ivyavuye mu matora igihe vyokwemegwa, vyotuma buba ubwa mbere mu gihugu haba ihererekana rya mbere ry'ubutegetsi kuva igihugu cikukiye kikikura ku bakoroni b'ababiligi mu 1960.

Intsinzi ya Bwana Tshisekedi ntiyemewe na Ekleziya Katolika ya Kongo, yarungitse abarorerezi 40000 gukurikirana amatora mu gihugu cose.

Bwana Fayulu (uwa kabiri i buryo) muri sentare ntahinyuzwa itariki 12 Ukwezi kwa Mbere

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Bwana Fayulu (uwa kabiri i buryo) ashingisha urubanza muri sentare ntahinyuzwa ku munsi wa Gatandatu

Ku munsi wa Gatandatu, Bwana Fayulu yarashingishije urubanza muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, asaba ko amajwi y'amatora yabaye itariki 30 Ukwezi kwa 12 yosubira guharugwa.

Ako kamo karashigikiwe n'umuryango SADC mw'itangazo ryashikirijwe na Perezida wa Zambia Edgar Lungu, ari nawe arongoye igisata ca SADC ku bijanye na politike, ukwivuna abansi hamwe n'umutekano.

Bwana Lungu avuga ko we n'izindi ndongozi z'akarere bumva ko uburyo bwiza ari kwumvikana ku kungene ikibazo cotoregwa umuti mu nzira ya politike, no gushinga leta y'igihugu y'ubumwe.

Yatanze akarorero k'ibihugu amasezerano nkayo yabayemwo, nka Zimbabwe na Kenya.

Abayoboke ba Felix Tshisekedi bigina intsinzi yiwe i Kinshasa

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abayoboke ba Felix Tshisekedi bigina intsinzi yiwe

Umushikiranganji w'imigenderanire ya Afrika Yepfo n'amakungu, Lindiwe Sisulu, nawe nyene yavuze ko leta y'ubumwe yoba inyishu nziza muri ico gihugu c'indyane, mu ntumbero yo kubumbatira amahoro.

Bwana Fayulu yarungitse ubutumwa kuri Twitter ashimira SADC kuba yashigikiye ko amajwi asubira guharugwa, ariko ntaco yavuze kuri leta y'ubumwe isabwa:

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Ibihugu vyinshi vya Buraya vyaraguye mu gahundwe vyongera bigira n'umwitwarariko igihe ivyavuye mu matora bishikiririjwe.

Ivyatangajwe na CENI vyavuye mu matora:

  • Felix Tshisekedi 7,051,013 (38.57%)
  • Martin Fayulu Madidi 6,366,732 (34.83%)
  • Emmanuel Shadary 4,357,359 (23.84%)

Ingene indongozi zagiye zirakurakuranwa ku butegetsi kuva igihugu cikukiye mu 1960

Ingene indongozi zakurakuranye ku butegetsi kuva igihugu cikukira mu 1960
Insiguro y'isanamu, Ingene indongozi zakurakuranye ku butegetsi kuva igihugu cikukira mu 1960