Nyuma yo gutangaza ko Tshisekedi yatsinze amatora muri Kongo, hagiye kugurikira iki?

Ahavuye isanamu, AFP/Reuters
Uravye uko ivyiyumviro vy'abatavuga rumwe muri politike bitandukanye muri Republika ya Demokrasi ya Kongo , ibiva mu matora vyose birabacanishamwo.
Uwundi mukuru w'atavuga rumwe na reta, Martin Fayulu yamaze kwiyamiriza intsinzi ya Felix Tshisekedi avuga ko ari "amanyanga" abantu "badashobora kwihanganira."
Nta nkeka ko ivyo biharuro vyatangaje ishengero Katolika - nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters - bari babwiye abaserukira ibihugu vyabo mu misi mike iheze ko Fayulu ari we yatahukanye intsinzi.
Iryo shengero ryari rifise abarorerezi b'amatora barenga 40.000 bakaba bari banagabishije ko habayemwo amanyanga.
Tshisekedi n'umunyepolitike wa mbere atavuga rumwe na reta atsinze amatora y'umukuru w'igihugu kuva cikukira mu myaka irenga mirongo itanu iheze.
Ariko mu misi iheze inuganugwa ko habaye ibiganiro hagati y'umugambwe wiwe na prezida ahari ubu Joseph Kabila vyatumye haba amakenga ku bandi batavuga rumwe na reta ko ibibaye ata ho bitandukaniye n'inyifato yabaye muri kahise.
Tshisekedi n'umuhungu w'umunyepolitike rurangiranwa muri kahise ka politike ya Republika ya Demokrasi ya Kongo - nyakwigendera Etienne Tshisekekdi - akaba yari arongoye umugambwe ukomeye w'abatavuga rumwe na reta,
Ariko gushika ubu ntiyari azwi cane ku co yamaze muri politike.
Benshi bamubona nk'umukandida atavuga rumwe na reta ata nguvu yari afise imbere ya prezida Joseph Kabila.
Nimba Tshisekedi afise intumbero n'ubushobozi bwo guhangana n'igihangange Kabila gishigikiwe n'igisirikare, inzego zijejwe umutekano, abazogenwa mu bushikiranganji bukomeye ni bo bazerekana nimba koko politike y'ico gihugu yinjiye mu kindi kiringo.
Yamaze kuvuga ko azokorana na Kabila kugira demokrasi ishinge imizi.
Ku ruhande rwa Fayulu, na ho nyene hari ingorane. Yafashe ingingo yo kuvyifatamwo gute?

Inzira yonyene ishoboka muri kino gihe, n'ukugerageza guhakana ivyavuye muri ayo matora mu kiringo c'imisi cumi imigambwe ihabwa n'amategeko.
Uravye ukuntu amajwi yegeranye, abayoboke biwe bazoshira imbere amanyanga yakozwe mu turere twinshi.
Ku mugaragaro, ishengero n'amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike barahamagariye abanyagihugu kutagira imidurumbanyo - baremeza inkurikizi mbi zishobora kwaduka mu mabarabara mu gihe abari mu myiyerekano boba bahanganye n'abajejwe umutekano bazwi ingene basanzwe bakoresha igikenye.










