Uruhande rwa prezida Kabira rwatsindiye intebe nyinshi mu nama nshingamateka

Ahavuye isanamu, AFP
Akanama kajejwe gutunganya amatora muri Republika ya Demokrasi ya Kongo kavuga ko abashigikiye prezida Joseph Kabila ari bo batsindiye intebe nyinshi mu nama nshingamateka mu matora yabaye itariki 30 z'ukwezi kwa 12 mu 2018.
Ibiharuro bimaze kumenyekana biha abashigikiye reta intsinzi y'intebe 261 kuri 500 zitegekanijwe mu nama nshingamateka.
Mu gihe vyokwemezwa na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro mu ndwi iza, n'ukuvuga ko prezida mushasha azoca akorana n'umushikiranganji wa mbere avuye mu runani rwahora ku butegetsi.
Akanama kajejwe gutunganya amatora katangaje ko uwutavuga rumwe na reta Felix Tshisekedi, ari we yatahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu.
Ariko umwe mubatavuga rumwe na reta Martin Fayulu, ariyamiriza ivyavuye mu matora, bikaba vyitezwe ko yitura sentare uyu musi.
Fayulu yagiriza Tshisekedi kuba baragiriraniye amasezerano yo kugabangana ubutegetsi na Kabila.






