Imyiyerekano myinshi yo kwiyamiriza prezida Omar al-Bashir iritezwe uyu musi muri Sudani

Haritezwe imyiyerekano myinshi yo kwiyamiriza reta muri Sudani uyu musi mu gihe abayitavye babandanya gusaba ko prezida Omar al-Bashir ava ku butegetsi.

Iyo myiyerekano yatanguye ubwa mbere hagati mu kwezi kwa cumi na kabiri inyuma y'aho reta idugirije ibiciro vy'igitoro n'umukate.

Ico gihugu kimaze indwi zibiri mu myiyerekano yahitanye abantu mu mabarabara. N'imiburiburi abantu 19 baramaze gupfa.

Ariko umugabo umwe wo muri Sudani ategekanya kwitaba iyo myiyerekano y'uyu musi yabiwye BBC Newsday ko, n'aho afise ubwoba, ntashobora kubandanya abaho gutyo.

Avuga ati:"Mu myaka irenga mirongo itatu reta yaraducinyije buri musi ishaka kutwaka agateka kacu. Umuntu yopfuma apfa hakuguma aba muri ibi bintu ubuzima bwiwe bwose."

Reta yaramenyesheje iduzwa ry'umushahara ku bakozi ba reta.

Mw'ijambo yashikirije kuri uyu wa kane, prezida Omar al-Bashir yahimbaje umusi mukuru wo kwikukira kw'ico gihugu mu kumenyesha ivyo reta yashitseko - n'aho hariko haraba imyiyerekano mu bisagara vyinshi.

Abwira amashirahamwe y'abakozxi, yavuze ko ubutunzi butifashe neza bwavuye ku gahombo k'ikori ryava ku bitoro ritatanzwe kuva Sudani y'epfi ihagaritse kuvyimba mu 2011, vyagiye kunyurwa n'ibihano vya Amerika vyo mu 2017.

Abatavuga rumwe ba reta basaba prezida Bashir gutanga imihoho inyuma y'imyaka irenga mirongo itatu arongoye ico gihugu, bakaba bahamagaje iyindi myiyerekano itegekanijwe kuri uyu wa gatanu.