Abapolisi barashe ivyuka bikoroza amosozi mu gihe imyiyerekano iriko irakwiragira hensi muri Sudani

Igipolisi co muri Sudani carashe ivyuka bikoroza amosozi mubari mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta yakwiragiye mu gihugu cose.

Abantu amajana n'amajana bugaye ibarabara riri iruhande y'ikibuga c'umupira w'amaguru ku mugwa mukuru Khartoum ku musi w'Imana imbere yo gushwiragizwa n'igipolisi.

Abatavuga rumwe na reta bavuga ko abantu 22 bishwe kuva ku wa gatatu, ariko abari ku butegetsi bavuga ko abapfuye badashika abo.

Iyo myiyerekano yadutse inyuma y'aho hadugorijwe igiciro c'umukate n'igitoro.

Mu mwaka uheze, ibiciro vy'ibintu bimwe bimwe vyaragwijwe na kabiri, amahera arata agaciro, hanyuma ibintu bimwe bimwe birabura ku masoko yo mu bisagara harimwo n'umugwa mukuru Khartoum.

Umugwi w'abaganga na wo nyene wamenyesheje ko abawugize bagiye guhagarika akazi kuva kuri uyu wa mbere mu ntumbero yo kotsa igitutu prezida Omar al-Bashir.