Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igihano co gupfa cahawe Noura Hussein muri Sudani cakuweho
Sentare y'iyungururizo muri Sudani yakuyeho igihano co gupfa ku mupfasoni yishe umugabo wiwe avuga ko yamufashe ku nguvu nk'uko bivugwa n'uwumuburanira.
Uwumuburanira Abdelaha Mohamad avuga ko Noura Hussein w'imyaka 19 yaciye ahabwa igihano co gupfungwa imyaka itanu.
Nyina wiwe, Zainab Ahmed, yabwiye BBC ko anezerejwe n'uko ubuzima bw'umwana wiwe burokotse.
Abantu benshi rurangiranwa barashigikiye isekeza ryo ku mbuga ngurukanabumenyi, #JusticeforNoura (ubutungane kuri Noura) ryasaba ko arekurwa.
Mu kwezi guheze, sentare ya ki Islam yari yamuciriye urubanza rwo gupfa, inyuma yo kwemera ko yishe umugabo wiwe Abdulrahman Mohamed Hammad.
Umupfasoni Hussein avuga ko umugabo wiwe yakoresheje bavyara biwe avuga ko bamumufatiye kugira amufate ku nguvu.
Igihe yashaka gusubira kumufata ku nguvu ku musi ukurikira yaciye amucumita imbugita aca arapfa.
Kurongorwa ku myaka 16
Umupfasoni Hussein yategetswe kurongorwa afise imyaka 16 ku mugabo wiwe yari muvyara we amusumvya imyaka 16.
Icegeranyo ca Onu co mu 2017 c'igisata kiraba ibibondo UNICEF kivuga ko ica gatatu c'abana bo muri Sudani barongorwa batarashikana imyaka 18.
Mw'itangazo ryaryo, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, ryavuze ko iyo ngingo ari inkuru nziza, ariko ko igipfungo c'imyaka itanu atari akwiye kugihabwa na co nyene.
Ryasavye ico gihugu gusubiramwo amategeko agenga ukwubakana, ugufata ku nguvu uwo mwubakanye kugira ababikorewe bareke kuba ari bo bahanwa.
Avugana na BBC, nyina wa Hussein yavuze ko umwana wiwe yasa n'uwihebuye inyuma y'aho umugabo wiwe amufatiye ku nguvu.
Kwiyahura
Zainab Ahmed yavuze ko yari yafashe ingingo yo kwicumita wenyene mugihe yosubira kumufata ku nguvu.
Inyuma y'urupfu rw'umugabo wiwe, umupfasoni Hussein yaciye ahungira iwabo kubabwira ivyamushikiye.
Kubera ugutinya ko babihorerako, se wiwe yaciye ajana umuryango wiwe ku gipolisi aho yaciye afatirwa.
Urubanza yaciriwe rwarateye induru hirya no hino kw'isi, abantu rurangiranwa nka Naomi Campbell na Emma Watson bakaba baranditse ubutumwa kuri Twitter bwo gushigikira umupfasoni Hussein.