Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore yishe umugabo wiwe yaciriwe urwo gupfa muri Sudani
Sentare mu gihugu ca Sudani yakatiye igihano co gupfa umugore yahamwe n'icaha co kwica umugabo wiwe amuhora kumufata ku nguvu.
Umucamanza kuri sentare ya Omdurman yemeje igihano c'urupfu cahawe Nourra Hussein nyuna y'aho umuryango w'umugabo wiwe wankiye guhabwa inshumbusho y'amafaranga.
Umuryango w'uwo mugore wari wamutegetse kurongorwa akiri umwana w'imyaka cumi n'itandatu.
Yaciye ahunga, ariko haciye imyaka itatu avuga ko yahenzwe asanga yabwirijwe gusubirana n'umugabo wiwe.
Avuga ko uwo mugabo yaciye yikora kuri bavyara biwe, ababwira ngo bamufate bamugumirize hasi aca amufata ku nguvu.
Agerageje kubisubira, uwo mugore yaciye amutera imbugita arahwera.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ariko arasemerera ngo uwo mukobwa arekurwe.