Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea y'epfo ivuga ko uwuserukira Korea ya ruguru mu Butaliyano 'yaburiwe irengero'
Ikigo kijejwe iperereza ca Korea y'epfo cabwiye abategetsi ko uwuserukira Korea ya ruguru mu Butaliyano yaburiwe irengero.
Ivyo bivugwa bikurikiye inkuru zitaremezwa ko uwuserukira Korea ya ruguru mu Butaliyano yasavye ubuhungiro mu gihugu ca Buraya kitaramenyekana.
Jo Song-gil, ubu aserukira Korea ya ruguru i Roma, bizwi ko ari umuhungucanke umukwe w'umwe mu bategetsi bakuru ba Korea ya ruguru.
Uwuserukira ico gihugu yaheruka guhunga yari icegera c'uwuserukira Korea ya ruguru i Londres mu Bwongereza.
Thae Yong-ho yahevye akazi kiwe mu 2016, ari kumwe n'umupfasoni hamwe n'abana biwe. Yahungiye muri Korea y'epfo.
Nk'umuntu mu bantu bo mu rwego rwo hejuru bahunze bava muri Korea ya ruguru, iyo ngingo isa n'iyo kwerekekana ukutishimira ubutegetsi bwa Kim Jong-un.
Ashobora gusaba amakungu gukwiragiza muri Korea ya ruguru inkuru zisiga iceyi Kim mu banyagihugu arongoye.
Avuga inyuma y'inama y'imana y'ikigo kijejwe iperereza ku musi wa kane, Kim Min-ki, umushingamateka, yabiwye abamenyeshamakuru ko Jo yavuye mu nzu nserukiragihugu y'i Roma haraciye ukwezi kurenga.
Uwo mushingamateka avuga ati:"Ikiringo c'uwuserukira Korea ya ruguru Jo Song-gil carangiye mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze aca ahunga inzu nserukiragihugu mu ntango z'ukwa cumi na rimwe."
Ikigo kijejwe iperereza muri Korea y'epfo cabwiye abashingamateka ko kitaramenya aho aherereye kuva ico gihe. Ico kigo ntigishobora kwemeza ko yagerageje guhungira mu kindi gihugu.
Bizwi ko umupfasoni wa Jo bari kumwe.
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubutaliayano yabwiye BBC ko ata ho arabona handitse ko Jo yasavye ubuhungiro muri ico gihugu.
Inkuru ziva mu baserukira ibihugu vyabo zivuga ko ubwa nyuma Ubutaliyano bw'umvise inkuru ziwe n'igihe abategetsi baronka ikete rya Korea ya ruguru rivuga ko agiye kwimurirwa ahandi.
Ikinyamakuru ca Korea y'epfo JoongAng Ilbo cavuze ko Jo "ari mu kibanza gitekanye" n'umuryango wiwe, gisubiramwo inkuru z'ubuserukizi bw'igihugu.
Jo w'imyaka 48 yagiye guserukira igihugu ciwe i Roma mu kwezi kwa cumi mu 2017 inyuma y'aho Ubutaliyano bwiirukaniye Mun Jong-nam mu kwinubira umugambi wa Korea ya ruguru w'ibigwanisho ruhonyanganda.
Ubuserukizi bwa Korea ya ruguru mu Butaliyano bufitiye akamaro kanini ico gihugu kubera ishami rya Onu rijejwe imfungurwa kw'isi rifise icicaro i Roma mu gihe Korea ya ruguru yama mu ngorane y'ibifungurwa bidakwiye.
Abaserukira igihugu ca Korea ya ruguru mu makungu kenshi na kenshi basiga imiryango yabo i Pyongyang mu kwanka ko batoroka.
Vyibazwa ko Jo yaje i Roma n'umugore hamwe n'abana, kubera ko ava mu muryango ufise ijunja n'ijambo muri ico gihugu.
Bivugwa ko abaserukira Korea ya ruguru mu bindi bihugu bacungwa cane n'abandi baba bari kumwe ku kimenyetso na kimwe cokwerekana ukutagamburukire ubutegetsi bwaho.