Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abaririmvyi bo muri Tanzani, Damond na Rayvanny, basavye ikigongwe ku ndirimbo ibujijwe
Mu gitondo c'uno munsi abahanzi babiri bakomeye muri Tanzania, Diamond na Rayvanny, basohoye video ku rubuga hwaniro Instagram basaba ikigongwe kubera ivyo bise "amakosa yabo".
Abo bahanzi b'injana ya Bongo Flava bavugije indirimbo yabo yitwa Mwanza, isanzwe ibujijwe, mu giteramwo barimwo cabo citiriwe Wasafi Festival.
Kubera izo mvo, ikigo kigenzura ibijanye n'imico muri ico gihugu, Basata, caciye gifatira ibihano abo baririmvyi vyo kubabuza kuremesha ibiteramo muri Tanzania ikiringo kitamenyeshejwe.
Mu gitondo c'uno munsi rero abo baririmvyi basohoye video kuri instagram basaba ikigongwe kuri iyo ndirimbo baririmvye kandi yari yarabujijwe kubera ibifatwa nk'ibiterasoni biyivugwamwo.
Mw'iyo video vyagarara ko bafise inyifato yo kwicisha bugufi, bakavuga ko basaba ikigongwe bashimitse.
Si ubwa mbere Diamond afatirwa ibihano kubera indirimbo bivugwa ko zirimwo ibitera soni, hakaba mbere hari indirimbo ziwe zibujijwe kuvuzwa muri Tanzania zirimwo Allelujah na Waka Waka.